Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Abubatsi b’imeri ba kera bahoma gute amato yabo?

Uwitwa Lionel Casson, umuhinga mu bijanye n’imeri za kera, aravuga ivyo abubatsi b’imeri bo mu bihe vy’Abaroma bakora bamaze guhoma amateranirizo y’imbaho zigize amato yabo. Avuga ko bakunda “gusiga ikaburimbo canke ikaburimbo ivanze n’ishashara kuri ayo materanirizo canke mbere inyuma ku bwato hose, bagaca basiga iyindi kaburimbo indani.” Kera cane imbere y’igihe c’Abaroma, abo mu gisagara ca Akadi n’Abanyababiloni ba kera na bo nyene barakoresha ikaburimbo mu guhoma amato yabo.

Ikaburimbo y’amazi nk’iyi yari nyinshi cane mu bihugu bivugwa muri bibiliya

Ivyanditswe vy’igiheburayo (ibikunze kwitwa Isezerano rya kera) biravuga ibijanye n’ubuhinga busa n’ubwo mw’ Itanguriro 6:14. Ikaburimbo ivugwa ng’aho biboneka ko ari birya bintu vyirabura biva ku bisigarira vy’igitoro.

Ikaburimbo iri ubwoko bubiri: hari iy’amazi n’iyigumye. Abubatsi b’imeri ba kera bakoresha iyo y’amazi, bakayisiga ku mato yabo batiriwe barayihingura. Bamaze gusiga iyo kaburimbo y’amazi, yaruma igakomantara ku buryo amazi ataronka aho amenera.

Ikaburimbo yari nyinshi cane mu bihugu bivugwa muri Bibiliya. Ikiyaya ca Sidimu cari mu karere k’Ikiyaga c’Umunyu, “cari cuzuyemwo ivyobo vy’ikaburimbo.”Itanguriro 14:10.

Ni ubuhinga ubuhe bwakoreshwa kera mu kuzigama ifi?

Kuva kera na rindi, ifi zamye ari imfungurwa zihambaye. Imbere y’uko bamwe mu ntumwa za Yezu batangura kugendana na we, bari abarovyi ku Kiyaga ca Galilaya. (Matayo 4:18-22) N’imiburiburi igice kimwe c’ifi bafata caca kijanwa mu “mahinguriro” yo hafi yaho.

Ishusho iharangatuwe mu giti yerekana abarovyi ba kera bo mu misiri

Ubuhinga bwo kuzigama ifi bushobora kuba bwarakoreshwa muri Galilaya ya kera, n’ubu buracakoreshwa mu mihingo imwimwe. Ifi babanza kuzikuramwo ivyo mu nda bagaca bazironga mu mazi. Igitabu kimwe (Studies in Ancient Technology) kiradondora ingene baca babigenza, giti: “Baca baramba umunyu w’udutete mu magage yazo, mu kanwa no ku bigaragamba vyazo. Baca bagerekeranya ifi, hagati yazo bakagenda barashirayo umunyu, zose bagaca bazipfukisha ibintu vyumutse. Inyuma y’imisi iri hagati ya 3 na 5, izo fi baca bazihindukiza hagahera iyindi misi nk’iyo nyene. Muri ico kiringo co kwumutsa ifi, amazi yose arimwo yarakama, wa munyu na wo ukazinyengeteramwo. Inyuma yaho, wasanga zumye kandi zigumye.”

Nta wuzi umwanya ifi zizigamwe muri ubwo buryo zashobora kumara. Ariko rero, kuba Abanyamisiri ba kera barashora muri Siriya ifi mwene izo, vyerekana ko ubwo ubuhinga bakoresha bwakora neza ku rugero runaka.