Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushobora kubona Imana itaboneka?

Woba ushobora kubona Imana itaboneka?

“IMANA ni Impwemu,” abantu bakaba badashobora kuyibona n’amaso. (Yohani 4:24) Ariko Bibiliya iravuga ko hari abantu babonye Imana mu buryo bunaka. (Abaheburayo 11:27) Uti ivyo bishoboka gute? Woba vy’ukuri ushobora kubona “Imana itaboneka”?—Abakolosayi 1:15.

Kugira dutahure ukuntu tumeze, reka tubigereranye n’umuntu yavutse ari impumyi. Kuba ari impumyi vyoba bituma adatahura ikintu na kimwe mu bimukikuje? Oya namba. Umuntu w’impumyi araronka amakuru mu buryo bwinshi butuma amenya abantu n’ibintu bimukikuje be n’ibiriko birakorwa mu micungararo. Umuntu umwe w’impumyi yavuze ati: “Burya ntihabona amaso, habona ubwenge.”

Mu buryo busa n’ubwo, naho udashobora gukoresha amaso yawe kugira ubone Imana, urashobora gukoresha “amaso y’umutima” kugira uyibone. (Abanyefeso 1:18) Rimbura uburyo butatu ushobora kubigira.

‘IBONWA NEZA UHEREYE KW’IREMWA RY’ISI’

Umuntu w’impumyi akenshi usanga yumva cane akoresheje amatwi n’ugukorakora, gutyo akamenya ibintu adashobora kubona. Na wewe urashobora gukoresha ubushobozi ufise bwo kwumva no kubona kugira wihweze ibigukikuje, maze ukamenya Imana itaboneka yabiremye. “Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe.”Abaroma 1:20.

Nk’akarorero, niwiyumvire ahantu tuba. Kuba isi yaremwe mu buryo budasanzwe si ukugira gusa tuyibeko, ariko kandi ni ukugira tunezererwe ubuzima. Igihe akayaga kaduciyeko, igihe twose akazuba, igihe twihereje icamwa kiryoshe canke tukumva akaririmbo keza k’inyoni, turaryoherwa. None ivyo bintu ntibihishura ukuntu Umuremyi wacu yitwararikana, akundana kandi atanga cane?

Ni ibiki ushobora kumenya ku vyerekeye Imana igihe wihweje ivyo yaremye? Kimwe coco ni uko amajuru ahishura ububasha bw’Imana. Ibintu abanyasiyansi baherutse gushira ahabona birerekana ko ikirere kitariko kiraguka gusa ariko kandi ko caguka ningoga ku rugero rutera rwongerekana! Igihe uraba mu kirere mw’ijoro, niwibaze uti: Izo nguvu zituma ikirere caguka kuri uwo muvuduko ziva he? Bibiliya iratubwira ko Umuremyi afise “umurengera w’inguvu rukozi.” (Yesaya 40:26) Ariko ivyo Imana yaremye vyovyo biratwereka yuko ari “Mushoboravyose,” akaba ari “agahebuza mu bubasha.”Yobu 37:23.

‘UWAYISIGUYE’

Inabibondo umwe afise abana babiri batabona, avuga ati: “Kubaganirira ni bumwe mu buryo buhambaye kuruta ubundi bwose bubafasha kwiga. Ukwiye kubabwira ibintu vyose ubona kandi wumva, ukitegurira kuguma ubasigurira ivyo ubona. Amaso yabo ni wewe.” Mu buryo nk’ubwo, naho “[a]ta muntu n’umwe yigeze kubona Imana,” Umwana wayo Yezu “ari mu gikiriza ca Se ni we yayisiguye.” (Yohani 1:18) Kubera ko Yezu ari we kiremwa ca mbere c’Imana akaba n’Umwana wayo w’ikinege, twovuga ko yatubereye amaso ari mw’ijuru. Ni we sôko riruta ayandi ry’amakuru yerekeye Imana itaboneka.

Raba ibintu bikeyi Yezu yasiguye ku bijanye n’Imana inyuma y’imyaka idaharurika yamaze ari kumwe na Se:

  • Imana iguma ikora. “Dawe yagumye akora gushika n’ubu.”Yohani 5:17.

  • Imana irazi ivyo dukeneye. “Imana So i[ra]zi ivyo mukenera.”Matayo 6:8.

  • Imana iraturonsa ivyo dukeneye ibigiranye ubuntu. “So ari mw’ijuru . . . atuma izuba rirasira ababi n’abeza,  agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.”Matayo 5:45.

  • Imana iraduha agaciro umwumwe ku giti ciwe. “None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi. Mugabo n’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuye yose. Ntimutinye rero: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”Matayo 10:29-31.

UMUNTU YATUMYE ABANTU BABONA IMANA ITABONEKA

Abantu b’impumyi akenshi batahura ibintu mu buryo butandukanye n’ukuntu ababona babitahura. Umuntu w’impumyi yoshobora gutahura ko igitutu ari ahantu hapfutse, hadashika ubushuhe bw’izuba aho gutahura ko ari ahantu hatabona, hadashika umuco w’izuba. Nk’uko nyene impumyi idashobora kubona igitutu canke umuco, na twebwe ntidushobora gutahura Yehova ata wudufashije. Yehova rero yaratanze umuntu yerekanye kamere ziwe bimwe bitagira agahaze.

Uwo muntu ni Yezu. (Abafilipi 2:7) Yezu ntiyatubwiye gusa ivyerekeye Se, ariko kandi yaratweretse ukuntu Imana imeze. Intumwa ya Yezu yitwa Filipo yaramusavye iti: “Mukama, twereke Data.” Yezu yamwishuye ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yohani 14:8, 9) Ni ibiki none ushobora kubona ku vyerekeye Data biciye ku vyo Yezu yakoze?

Yezu yari umuntu w’igishika, yicisha bugufi kandi yegereka. (Matayo 11:28-30) Kuba yari umuntu aruhurira abandi vyaratuma abantu baza kuri we. Yezu yarumva umubabaro abandi bafise, kandi yarasangira na bo umunezero. (Luka 10:17, 21; Yohani 11:32-35) Igihe usoma canke wumviriza inkuru zo muri Bibiliya zerekeye Yezu, nuse n’uwubona mu bwenge ibiriko biravugwa kandi use n’uwuvyumva. Niwazirikana ku kuntu Yezu yafata abantu, uzorushiriza kubona neza kamere zihimbaye z’Imana maze uyiyegereze.

NUSHIRE HAMWE AMAKURU

Ku bijanye n’ingene umuntu w’impumyi atahura ibimukikuje, umwanditsi umwe avuga ati: “Aronka uduceduce tw’amakuru biciye ku masôko atandukanye (gukorakora, kumoterwa, kwumva, n’ibindi), agaca abwirizwa kumera nk’uwuterateranya ayo makuru agacika ikintu kimwe.” Na wewe niwitegereza ivyo Imana yaremye, ugasoma ivyo Yezu yavuze ku bijanye na Data ukongera ukihweza ukuntu Yezu yagaragaje kamere z’Imana, uzoca ubona mu bwenge ishusho iteye igomwe ya Yehova Imana. Ivyo bizotuma urushiriza kumera nk’uwumubona koko.

Umugabo yabayeho kera yitwa Yobu yaravyiboneye. Mu ntango yaravuga ‘ariko ntiyategera.’ (Yobu 42:3) Ariko Yobu amaze kurimbura yitonze ibitangaza Imana yaremye, yaciye avuga ati: “Numvise ivyawe ku matwi, ariko ubu ijisho ryanje rirakubonye koko.”Yobu 42:5.

Yehova “niwamurondera, azoreka umuronke”

Na wewe birashobora kukugendera gutyo nyene. Yehova “niwamurondera, azoreka umuronke.” (1 Ngoma 28:9) Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kurondera Imana itaboneka no kuyibona.