Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA IBONA GUTE INTAMBARA?

Ingene Imana yabona intambara mu kinjana ca mbere

Ingene Imana yabona intambara mu kinjana ca mbere

Abo bantu bariko baratotezwa. Nka kumwe kwa ba sekuruza babo, nta gukeka ko Abayuda bo mu kinjana ca mbere bagumye batakambira Imana ngo ibatabare, ico gihe bakaba bariko batotezwa n’Inganji y’Uburoma. Baciye bumva ibijanye na Yezu. Yoba ari we Mesiya yari yarasezeranywe? Ntibitangaje kubona benshi “[bari b]izigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli” akayikiza agahahazo k’Abaroma. (Luka 24:21) Ariko si ko vyagenze. Ahubwo nyabuna mu mwaka wa 70, ingabo z’Abaroma zaraje maze ziratikiza Yeruzalemu n’urusengero rwaho.

None hari habaye iki? Kubera iki Imana itarwaniye Abayuda nk’uko yari yarabigize muri kahise? Canke kubera iki itabaretse ngo birwanire maze bikure umwansi ku gakanu? Imana yoba yari yarahinduye ingene ibona intambara? Oya. Ariko hari ikintu gikomeye cari carahindutse ku Bayuda. Baranse kwemera ko Yezu ari we Mesiya. (Ivyakozwe 2:36) Ku bw’ivyo, iryo hanga ntiryari rigifitaniye n’Imana ubucuti budasanzwe.Matayo 23:37, 38.

Ihanga ry’Abayuda n’igihugu cabo ntivyari bigikingiwe n’Imana, eka kandi Abayuda ntibari gushobora kuvuga ko Imana ibashigikiye mu ntambara. Nk’uko Yezu yari yarabivuze, Imana yararetse guhezagira no gutonesha ihanga rya Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri itangura gutonesha ihanga rishasha ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, iyahavuye yitwa muri Bibiliya ngo “Isirayeli y’Imana.” (Abagalatiya 6:16; Matayo 21:43) Vyahavuye bigaragara ko iyo Isirayeli y’Imana ari ishengero ry’abakirisu barobanuwe. Mu kinjana ca mbere babwiwe ata guca ku ruhande bati: “Ubu muri igisata c’Imana.”1 Petero 2:9, 10.

Ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere ari bo bari basigaye ari “igisata c’Imana,” yoba yarabarwaniye kugira ngo ibakureko agahahazo k’Abaroma? Canke yoba yarabaretse ngo barwanye ababahahaza? Oya. Kubera iki? Ku bijanye n’intambara zishigikiwe n’Imana, ni yo ishinga igihe iyo ntambara iberako, nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka. Imana ntiyarwaniye abakirisu bo mu kinjana ca mbere canke ngo ibareke baje mu ntambara. Biratomoye rero ko mu kinjana ca mbere hatari bwagere ko Imana irwana intambara kugira ngo ikureho ububisha n’agahahazo.

Ku bw’ivyo, nk’uko vyagenze ku basavyi b’Imana ba kera, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bategerezwa kurindira gushika Imana ibonye ko hageze gukuraho ububisha n’agahahazo. Mu kurindira, Imana ntiyabarekuriye kwifatira ibintu mu minwe ngo barwanye abansi babo. Ico kintu Yezu Kristu yaragitomoye neza mu nyigisho ziwe. Nk’akarorero, ntiyasavye abayoboke biwe kuja mu ntambara ahubwo yababwiye ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.” (Matayo 5:44) Igihe Yezu yavuga ko ingabo z’Abaroma zizotera Yeruzalemu mu kinjana ca mbere, ntiyabwiye abigishwa biwe ngo bazohagume kugira barwane ahubwo yababwiye ngo bazohunge kandi barabikoze.Luka 21:20, 21.

Vyongeye, intumwa Paulo abitumwe n’Imana yanditse ati: “Ntimwihore, . . . kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” (Abaroma 12:19) Paulo yariko asubiramwo amajambo hari haciye ibinjana Imana ivuze aboneka mu Balewi 19:18 no mu Gusubira mu vyagezwe 32:35. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, uburyo bumwe Imana yahōra abasavyi bayo mu bihe vya kera ni mu kubashigikira mu ntambara zo kurwanya abansi babo. Gutyo rero, amajambo ya Paulo arerekana ko Imana itahinduye ingene ibona intambara. Mu kinjana ca mbere Imana yari ikibona ko intambara ari uburyo bwemewe bwo guhōra abasavyi bayo no gukuraho ubwoko butandukanye bw’agahahazo n’ububisha. Ariko rero nk’uko vyari biri kera, Imana ni yo ishinga igihe iyo ntambara iberako be n’aboyijamwo.

Biratomoye rero ko Imana itarekuriye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ngo baje mu ntambara. Bite ho muri iki gihe? Imana yoba yararekuriye umugwi n’umwe w’abantu bo muri iki gihe kuja mu ntambara? Canke ubu hoba hageze ko Imana ihaguruka kugira irwanire abasavyi bayo? None Imana ibona gute intambara muri iki gihe? Ikiganiro gikurikira kiraza kwishura ivyo bibazo.