Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA IBONA GUTE INTAMBARA?

Ingene Imana ibona intambara muri iki gihe

Ingene Imana ibona intambara muri iki gihe

Muri kino gihe abantu barahahazwa. Benshi baguma batakambira Imana ngo ibatabare kandi baribaza nimba izoteba ikabatabara. Imana yoba yumva ugutakamba kwabo? Tuvuge iki ku bantu barwana kugira barabe ko bokwikurako agahahazo? Imana yoba ibashigikira ikabona ko izo ntambara barwana zumvikana?

Harumagedoni izoba ari intambara yo kurangiza intambara zose

Kimwe coco, nuhumurizwe n’iki kintu: Imana irabona imibabaro iri mw’isi muri iki gihe kandi izogira ico ikoze. (Zaburi 72:13, 14) Mw’Ijambo ryayo Bibiliya isezerana ko “abatezwa amakuba [izobaronsa] ukuruhurirwa.” Ivyo bizoba ryari? “Igihe c’ihishurwa ry’Umukama Yezu avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha . . . niyihora abatazi Imana be n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.” (2 Abatesalonika 1:7, 8) Ukwo guhishurwa kwa Yezu kuzoba muri kazoza igihe Bibiliya yita “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” Iyo ntambara yitwa kandi Haru-Magedoni.Ivyahishuwe 16:14, 16.

Muri iyo ntambara Imana ntizokoresha abantu ahubwo izokoresha Umwana wayo Yezu Kristu be n’abamarayika b’ububasha kugira ikureho ababi. Izo ngabo zo mw’ijuru zizokuraho agahahazo kose.Yesaya 11:4; Ivyahishuwe 19:11-16.

Imana ntiyahinduye ingene ibona intambara. Iracabona ko intambara ari uburyo bwemewe bwo gukuraho agahahazo n’ububisha. Ariko nk’uko vyamye kuva kera hose, Imana ni yo ishinga igihe iyo ntambara iberako be n’aboyijamwo. Nk’uko twamaze kubibona, Imana yaramaze gushinga ko intambara yo gukuraho ububisha no guhōra abahahazwa izoba muri kazoza be n’uko uwuzoyirwana ari Umwana wayo Yezu Kristu. Ivyo bisigura ko Imana idashigikiye intambara ziriko ziraba mw’isi muri iki gihe, naho imvo izituma yoba isa n’iyumvikana.

Reka tubitangire akarorero: Dufate ko abana babiri bavukana batanguye kurwana igihe umuvyeyi wabo atari ho ari. Barahagaritse kurwana maze baterefona se wabo. Umwe wese muri abo bana avuga ko uwundi ari we yamutanguye. Bose baritura se wabo umwe wese yizigiye ko aza kumushigikira. Ariko rero se amaze kubumviriza aciye ababwira ngo bareke kurwana barindire ko ashika kugira ngo atorere umuti ico kibazo. Baramara akanya barindiriye. Ariko rero bidatevye barasubiye gutana mu mitwe. Umuvyeyi wabo ashitse arabahambarira bose maze akabahana kubera batakurikije ivyo yababwiye.

Muri kino gihe, akenshi amahanga atana mu mitwe arasaba Imana ngo iyafashe. Ariko Imana nta we ishigikira muri izo ntambara. Ahubwo nyabuna mw’Ijambo ryayo Bibiliya, ivuga itarya umunwa iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.” Ivuga kandi iti: “Ntimwihore.” (Abaroma 12:17, 19) Vyongeye, yabwiye abantu ko bakwiye ‘kurorera bihanganye’ igihe izogira ico ikoze, ivyo ikaba izobigira kuri Harumagedoni. (Zaburi 37:7, Bibiliya Yera) Igihe amahanga atarindiriye Imana agaca atana mu mitwe, Imana ntishima izo ntambara kuko ibona ko ari izo gusomborotsanya kubera ubwibone. Ku bw’ivyo rero, kuri Harumagedoni Imana izokwerekana ko idashima ayo matati maze iyatorere umuti rimwe rizima mu “[gu]hagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Zaburi 46:9; Yesaya 34:2) Ego cane, Harumagedoni izoba ari intambara yo kurangiza intambara zose.

Gukuraho intambara ni umwe mu mihezagiro myinshi izozanwa n’Ubwami bw’Imana. Yezu yaravuze ibijanye n’iyo ntwaro muri rya sengesho ryiwe rizwi cane. Yavuze ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Ubwami bw’Imana ntibuzokuraho gusa intambara zose, buzokuraho n’umuzi wazo ni ukuvuga ububisha. * (Zaburi 37:9, 10, 14, 15) Ntibitangaje kubona abayoboke ba Yezu barindiranye umushasharo imihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana.2 Petero 3:13.

Ko Ubwami bw’Imana buzokuraho imibabaro yose, agahahazo kose be n’ububisha bwose, none tuzobirindira gushika ryari? Iranguka ry’amajambo menyeshakazoza ari muri Bibiliya rirerekana ko tubayeho mu “misi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) * Ubwami bw’Imana bugiye gusozera iyi misi ya nyuma biciye ku ntambara ya Harumagedoni.

Nk’uko twari twabivuze, abazohitanwa n’iyo ntambara ya nyuma ni “abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.” (2 Abatesalonika 1:8) Ariko uribuka ko Imana idahimbarwa n’uko umuntu n’umwe apfa, mbere n’umubisha. (Ezekiyeli 33:11) Kubera ko Yehova Imana “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa” muri iyo ntambara ya nyuma, ariko aritwararika ko inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu “[ya]mamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose” imbere y’uko umuhero ushika. (2 Petero 3:8, 9; Matayo 24:14; 1 Timoteyo 2:3, 4) Ego cane, biciye ku gikorwa Ivyabona vya Yehova barangura co kwigisha kw’isi yose, abantu bararonka akaryo ko kumenya Imana, kugamburuka inkuru nziza yerekeye Yezu, no kuzokwibonera ingene intambara zizorangira.

^ ing. 9 Ubwami bw’Imana buzokuraho n’umwansi w’abantu ari we rupfu. Nk’uko bivugwa mu kiganiro kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya” kiri muri iki kinyamakuru, Imana izozura abantu badaharurika harimwo abantu benshi bagiye barahitanwa n’indwano.

^ ing. 10 Ushaka ayandi makuru yerekeye imisi ya nyuma, raba ikigabane ca 9 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.