Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 3

Woba wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga?

Woba wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga?

Bibiliya irasezerana ibintu vyinshi kandi igatanga impanuro zitari nke. Ushobora kuba wipfuza kumenya ivyo yigisha ariko ukaba wumva ufise amakenga. None ko ico gitabu ari ica kera, woba wokwizigira ivyo gisezerana be n’impanuro gitanga? Woba koko wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kugira ubuzima buhimbaye ubu no muri kazoza? Abantu amamiliyoni baravyizigira. Niwirabire ivyotuma nawe uvyizigira.

1. Ibivugwa muri Bibiliya vyoba vyarabaye canke ni inkuru gusa?

Bibiliya ivuga ko irimwo “amajambo y’ukuri atagira amakosa.” (Umusiguzi 12:10) Ibintu ivuga vyarabaye, n’abantu bavugwamwo barabayeho koko. (Soma Luka 1:3; 3:1, 2.) Abahinga mu vya kahise benshi baremeza ko vyinshi mu bivugwa muri Bibiliya nk’amatariki, abantu n’ibibanza ari ivy’ukuri.

2. Naho Bibiliya yanditswe kera, kubera iki twovuga ko ikidufitiye akamaro?

Mu bintu Bibiliya ivuga, harimwo ivyo abahinga batari bwatahure igihe vyandikwa. Nk’akarorero, hari ibintu abahinga bavuga dusanga no muri Bibiliya. Vyinshi muri vyo vyari bitandukanye cane n’ivyo abantu bemera muri ico gihe. Ariko ibintu abashakashatsi bo muri kino gihe bubuye biremeza ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ubuhinga ari ivy’ukuri. Emwe, Bibiliya “ni ukuri” kandi “ni iyo gushika igihe kitagira urugero.”​—Zaburi 119:160.

3. Kubera iki twokwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza?

Bibiliya irimwo ubuhanuzi, ni ukuvuga ibintu bivugwa imbere y’uko biba. (Yesaya 46:​10) Hariho ibintu vyinshi yavuze hagisigaye imyaka myinshi ngo bibe. Mbere yari yaravuze mw’ido n’ido ibintu tubona biriko biraba muri iki gihe. Muri iki cigwa, turaza kubona bumwebumwe muri ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya. Ukuba ivyo yari yaravuze vyarabaye biratangaje.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ingene ivyo abashakashatsi bubuye bihuza n’ivyo Bibiliya ivuga. Turaza no kubona ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwarangutse.

4. Ivyo abashakashatsi bubuye birahuza n’ivyo Bibiliya ivuga

Kera abantu benshi bibaza ko hariho ikintu isi iteretseko. Nimurabe iyo VIDEWO.

Raba ivyo igitabu ca Yobu cavuze, ubu hakaba haciye nk’imyaka 3.500. Nimusome Yobu 26:7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Uravye igihe iki canditswe candikiweko, kubera iki bitangaje kuba cavuze ko isi yenenetse “ku busa”?

Izuba riratuma amazi yo mu mabahari n’ayandi yo ku buringanire bw’isi ashuha maze akaduza umwuka, hanyuma agahinduka ibicu. Ayo mazi araheza akagwa nk’imvura agasubira mu biyaga, gutyogutyo. Abantu bagiye gutahura iyo nzinguzingu y’amazi mu myaka nka 200 iheze. Ariko raba ivyo Bibiliya yavuze kuva kera. Nimusome Umusiguzi 1:7, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni igiki kigutangaza uravye ukuntu Bibiliya isigura inzinguzingu y’amazi mu buryo bworoheje?

  • Ivyo vyanditswe duhejeje gusoma vyoba vyatumye urushiriza kwizigira Bibiliya?

5. Bibiliya yari yaravuze imbere y’igihe ibintu bihambaye vyobaye

Nimusome Yesaya 44:27–45:2, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibintu vy’ido n’ido ibihe Bibiliya yari yaravuze bijanye n’ugukurwaho kwa Babiloni imyaka 200 imbere y’uko biba?

Amakuru ya kahise aremeza ko umwami w’Ubuperesi yitwa Kuro n’igisoda ciwe bigaruriye igisagara ca Babiloni mu mwaka wa 539 imbere ya Kristu. Barahinduye inzira y’uruzi rwakingira ico gisagara. Basanze imiryango yaco yuguruye baca barinjira batarinze kurwana maze baracigarurira. Naho haciye imyaka irenga 2.500 ivyo bibaye, Babiloni iracari umusaka. Raba ivyo Bibiliya yari yaravuze.

Nimusome Yesaya 13:19, 20, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Uravye ivyashikiye Babiloni, ubu buhanuzi bwarangutse gute?

Ahahoze Babiloni muri Iraki

6. Bibiliya yari yaravuze ibintu biriko biraba muri iki gihe

Bibiliya ivuga ko ibi bihe tubayemwo ari “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1) Raba ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’iki gihe.

Nimusome Matayo 24:6, 7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibintu bidasanzwe ibihe Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye mu misi y’iherezo?

Nimusome 2 Timoteyo 3:1-5, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Bibiliya yerekanye ko abantu bo mu gihe c’iherezo bobaye bameze gute?

  • Muri ibi vyavuzwe ni ibiki umaze kwibonera?

HARI ABAVUGA BATI: “Ibintu bivugwa muri Bibiliya ni inkuru gusa, ntivyabaye.”

  • Ni igiki kikwemeza ko Bibiliya ari igitabu umuntu yokwizigira?

INCAMAKE

Amakuru yo muri kahise, ivyo abahinga bavuga be n’ubuhanuzi buri muri Bibiliya biratanga ibimenyamenya vy’uko twokwizigira Bibiliya.

Wize iki?

  • Ibivugwa muri Bibiliya vyoba ari ivy’ukuri canke ni inkuru gusa?

  • Ni ibintu ibihe Bibiliya ihurizako n’ivyo abahinga bavuga?

  • Bibiliya yoba ivuga imbere y’igihe ivya kazoza? Kubera iki wishuye gutyo?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Hoba hari aho Bibiliya yihenda igihe ivuga ibijanye n’ubuhinga?

“Bibiliya na siyansi vyoba bivuga rumwe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye intwaro nganzasi y’Ubugiriki bwarangutse.

Turakomezwa n’“ijambo ry’ubuhanuzi” (5:22)

Nurabe ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwatumye umugabo umwe ahindura ivyo yibaza ku vyerekeye Bibiliya.

“Nabona ko Imana itabaho” (Umunara w’Inderetsi No. 5 2017)