Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

AMAYAGWA Y’INYONGERA

Hoba hari imisi mikuru tudakwiye guhimbaza?

Hoba hari imisi mikuru tudakwiye guhimbaza?

IMISI mikuru ijanye n’idini be n’iyitajanye n’idini ikunda guhimbazwa mu mihingo myinshi yo mw’isi muri kino gihe, ntishingiye kuri Bibiliya. None iyo misi mikuru ikomoka hehe? Mu gihe woronka akaryo ko kugira ubushakashatsi mu bitabu, woshobora kwibonera ico ibitabu bimwebimwe bivuga ku vyerekeye imisi mikuru ikunda guhimbazwa aho iwanyu. Raba uturorero dukeyi.

Pasika. Igitabu kimwe (The Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Mw’Isezerano Rishasha, nta kintu na kimwe cerekana yuko umusi mukuru wa Pasika wahimbazwa.” None Pasika yatanguye gute? Ikomoka mu gusenga kw’abapagani. Naho abantu bavuga ngo uwo musi mukuru ni uwo kwibuka izuka rya Yezu, imigenzo igirwa mu kiringo ca Pasika irateye kubiri n’ubukirisu. Nk’akarorero, ku vyerekeye imigenzo ijanye n’“urukwavu rwa Pasika” ikunda kugirwa mu mihingo imwimwe yo kw’isi, igitabu kimwe (The Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Urukwavu ni ikimenyetso c’abapagani kandi rwamye rugereranya irondoka.”

Guhimbaza Umwaka mushasha. Umusi wo guhimbaza Umwaka mushasha be n’imigenzo ijana na wo, usanga bitandukanye bivanye n’igihugu. Ku vyerekeye inkomoko y’uwo musi mukuru, igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Mu mwaka wa 46 imbere ya Kristu, umutegetsi w’Umuroma yitwa Jules César yarashinze ko uwa 1 Nzero uba wo musi wa mbere w’Umwaka mushasha. Uwo musi, Abaroma bari baweguriye ikimana c’amarembo n’imyango be n’amatanguriro citwa Janus. Mu ndimi zimwezimwe, ukwezi kwa Nzero bakwitiriye ico kimana Janus, kikaba cari gifise mu maso habiri, hamwe haraba imbere ahandi inyuma.” Ivyo guhimbaza Umwaka mushasha bikomoka rero mu migenzo y’abapagani.

Halowini. Ku vyerekeye uwo musi mukuru usa n’umusi mukuru ugirirwa abapfuye, igitabu kimwe (The Encyclopedia Americana) kivuga giti: “Urondeye inkomoko y’imigenzo imwimwe ijanye n’umusi mukuru wa Halowini, usanga yavuye mu birori vyagirwa imbere y’ubukirisu, bikaba vyagirwa n’abo bita Abaduruwide [abaherezi bo mu bwoko bw’Abaseleti ba kera]. Abo Baduruwide baragirira imisi mikuru ibimana bikuru bibiri, ari vyo ikimana zuba n’ikimana c’abapfuye . . . , uwo musi mukuru w’ikimana c’abapfuye ukaba wahimbazwa ku wa 1 Munyonyo, ari yo ntango y’Umwaka mushasha w’Abaseleti. Buhorobuhoro, uwo musi mukuru w’abapfuye, warinjijwe mu birori vy’abakirisu.”

Iyindi misi mikuru. Ntidushobora kuvuga imisi mikuru yose igirwa mw’isi. Ariko rero, imisi mikuru ininahaza abantu canke amashirahamwe y’abantu, ntiyemerwa na Yehova. (Yeremiya 17:5-7; Ivyakozwe 10:25, 26) Urama wibuka kandi ko inkomoko y’imisi mikuru y’amadini ishobora kwerekana nimba iyo misi mikuru ihimbara Imana canke itayihimbara. (Yesaya 52:11; Ivyahishuwe 18:4) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziri mu kigabane ca 16 c’iki gitabu, zizogufasha kumenya ukuntu Imana ibona ivyo kugira uruhara mu misi mikuru itandukanye itari iy’idini.