Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA CUMI NA GATANU

Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana

Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
  • Amadini yose yoba ahimbara Imana?

  • Dushobora gute kumenya idini ry’ukuri?

  • Abasavyi b’Imana b’ukuri ni bande ng’aha kw’isi muri iki gihe?

1. Tuzoronka ivyiza ibihe nitwasenga Imana mu buryo bubereye?

YEHOVA IMANA aratwitwararika cane kandi ashaka ko twungukira ku buyobozi bwiwe buranga urukundo. Nitwamusenga mu buryo bubereye, tuzonezerwa kandi tuzokwirinda ingorane nyinshi mu buzima. Vyongeye, azoduhezagira yongere adufashe. (Yesaya 48:17) Ariko rero, hariho amadini amajana n’amajana avuga ko yigisha ukuri ku vyerekeye Imana. Yamara, ivyo yigisha ku vyerekeye Imana no ku vyo Imana yiteze ko dukora, biratandukanye cane.

2. Dushobora gute kumenya uburyo bubereye bwo gusenga Yehova, kandi ni akarorero akahe kodufasha kubitahura?

2 Ushobora gute kumenya uburyo bubereye bwo gusenga Yehova? Si ngombwa ngo urinde kwiga inyigisho zo mu madini yose abaho kugira ngo urabe ico zitandukaniyeko. Ukwiye gusa kwiga ico mu vy’ukuri Bibiliya yigisha ku vyerekeye ugusenga kw’ukuri. Tubitangire akarorero: Mu bihugu vyinshi, hariho ingorane ijanye n’inoti z’inyiganano. Hamwe wohabwa igikorwa co kurondera bene izo noti, wobigenza gute? Ubona wogenda urafata ku mutwe ikintu cose kiranga bene izo noti? Oya. Kugira ngo ntutakaze umwanya, vyoba vyiza usuzumye neza ibiranga inoti z’ukuri. Umaze kubona neza ingene inoti z’ukuri zimeze, woshobora kumenya inyiganano. Mu buryo busa n’ubwo, twize ingene twomenya idini ry’ukuri, turashobora kubona amadini y’ikinyoma ayo ari yo.

3. Nk’uko Yezu yabivuze, dutegerezwa gukora iki nimba twipfuza gushimwa n’Imana?

3 Birahambaye ko dusenga Yehova mu buryo yemera. Abantu benshi bemera ko amadini yose ahimbara Imana, ariko si ko Bibiliya yigisha. Mbere ntibihagije gupfa kuvuga ngo ndi umukirisu. Yezu yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru.” Kugira ngo dushimwe n’Imana rero, dutegerezwa kwiga ivyo Imana idusaba tukongera tukabikora. Abadakora ivyo Imana igomba Yezu yabise “abakora ivy’ubugarariji.” (Matayo 7:21-23) Nka kurya kw’inoti z’inyiganano, amadini y’ikinyoma nta gaciro na gato afise. N’ikivyunyura, ni uko idini nk’iryo usanga mu vy’ukuri rigirira nabi abantu.

4. Amajambo ya Yezu yerekeye inzira zibiri asigura iki, kandi inzira imwimwe yose muri zo ijana hehe?

4 Yehova araha umuntu wese ari kw’isi akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera. Ariko rero, kugira ngo tuzoronke ubuzima budahera mw’Iparadizo dutegerezwa gusenga Imana mu buryo bubereye kandi muri iki gihe tukabaho mu buryo ishima. Ikibabaje ni uko benshi banka kubigira. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Mwinjirane mw’irembo ryaga; kubera ko inzira nini kandi yagutse ijana mu mahonero, kandi benshi ni bo binjirana muri yo; mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:13, 14) Idini ry’ukuri rijana mu buzima budahera. Idini ry’ikinyoma rijana mu mahonero. Yehova ntashaka ko hagira umuntu n’umwe atikizwa, akaba ari co gituma ariko araha abantu bo mu mihingo yose akaryo ko kwiga ibimwerekeye. (2 Petero 3:9) Biragaragara rero ko uburyo dusenga Imana bushobora kudushikana ku buzima canke ku rupfu.

INGENE TWOMENYA IDINI RY’UKURI

5. Twoshobora gute kumenya abari mw’idini ry’ukuri?

5 Dushobora gute kumenya ‘inzira ijana mu buzima’? Yezu yavuze ko idini ry’ukuri ryogaragariye ku kuntu abaririmwo bigenza. Yavuze ati: “Muzobamenyera ku vyamwa bama. . . . Igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza.” (Matayo 7:16, 17) Mu yandi majambo, abari mw’idini ry’ukuri bomenyekaniye ku vyo bemera no mu kuntu bigenza. Naho badatunganye bakaba rero bakora amakosa, abasavyi b’Imana b’ukuri uko bagize umugwi barondera gukora ivyo Imana ishaka. Reka dusuzume ibintu bitandatu vyerekana abari mw’idini ry’ukuri.

6, 7. Abasavyi b’Imana babona gute Bibiliya, kandi Yezu yatanze gute akarorero muri ivyo?

6 Abasavyi b’Imana bashingira inyigisho zabo kuri Bibiliya. Bibiliya ubwayo ivuga iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Igihe mwakira ijambo ry’Imana, iryo mwumvise kuri twebwe, mwaryemeye, atari nk’ijambo ry’abantu, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.” (1 Abatesalonika 2:13) Ku bw’ivyo, ivyo idini ry’ukuri ryemera be n’ivyo rikora, ntibishingiye ku vyiyumviro vy’abantu no ku migenzo yabo. Bikomoka mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya.

7 Yezu Kristu yaratanze akarorero kabereye mu gushingira inyigisho ziwe kw’Ijambo ry’Imana. Mw’isengesho yatuye Se wiwe wo mw’ijuru, yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Yezu yaremera Ijambo ry’Imana, kandi ivyo yigisha vyose vyarahuza n’Ivyanditswe. Yarakunda kuvuga ati: “Vyanditswe ngo.” (Matayo 4:4, 7, 10) Yaca asubiramwo amajambo y’icanditswe kinaka. Muri ubwo buryo nyene, muri iki gihe abasavyi b’Imana b’ukuri ntibigisha ivyiyumviro vyabo bwite. Baremera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, maze bagashingira inyigisho zabo ku vyo ivuga ata guca ku ruhande na gatoyi.

8. Mu gusenga Yehova harimwo n’iki?

8 Abari mw’idini ry’ukuri basenga Yehova wenyene kandi bakamenyekanisha izina ryiwe. Yezu yavuze ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Matayo 4:10) Ku bw’ivyo, abasavyi b’Imana nta wundi basenga atari Yehova. Muri ukwo gusenga harimwo no kumenyesha abantu izina ry’Imana y’ukuri be n’ingene imeze. Muri Zaburi 83:18 havuga hati: Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” Yezu yaratanze akarorero mu vyo gufasha abandi kumenya izina ry’Imana nk’uko yabivuze mw’isengesho ati: “Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi.” (Yohani 17:6) Muri ubwo buryo nyene, abasavyi b’Imana b’ukuri muri iki gihe barigisha abandi ibijanye n’izina ry’Imana, imigambi yayo na kamere zayo.

9, 10. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakirisu b’ukuri bagaragaza ko bakundana?

9 Abasavyi b’Imana bafitaniye urukundo nyakuri ruzira ubwikunzi. Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Abakirisu bo mu ntango bari bafitaniye urukundo nk’urwo. Urukundo Imana itwigisha ntiruraba ubwoko bw’umuntu, ukuntu abayeho, canke igihugu avamwo, rukaba rutuma abantu bunga ubucuti bw’intamenwa mu muryango nyakuri w’abavukanyi. (Soma Abakolosayi 3:14.) Abari mu madini y’ikinyoma ntibari muri bene uwo muryango urangwa n’urukundo. Ivyo tubizi gute? Baricana bapfa ko badasangiye igihugu canke ubwoko. Abakirisu b’ukuri ntibafata ibirwanisho ngo baje kwica abakirisu bagenzi babo canke uwundi muntu uwo ari we wese. Bibiliya ivuga iti: “Abana b’Imana be n’abana ba Shetani babonekera kuri iki kintu: Umuntu wese adashishikara ubugororotsi ntakomoka ku Mana, eka n’uwudakunda mwene wabo ni ukwo. . . . Dukwiye gukundana; atari nka Kayini, uwakomoka kuri wa mubisha akica mwene wabo.”​—1 Yohani 3:10-12; 4:20, 21.

10 Ariko ntiwumve, urukundo nyakuri ntirusigura kutica abandi vyonyene. Abakirisu b’ukuri barakoresha ata bwikunzi umwanya wabo, inguvu zabo, ubutunzi bwabo mu gufashanya no mu kuremeshanya. (Abaheburayo 10:24, 25) Barafashanya mu bihe vy’ivyago, kandi mu vyo bakorana n’abandi baguma ari imvugakuri. Nkako, barashira mu ngiro mu buzima bwabo impanuro ya Bibiliya yo ‘gukorera iciza bose.’​—Abagalatiya 6:10.

11. Ni kubera iki bihambaye kwemera ko Yezu Kristu ari we Imana yakoresheje kugira ngo turokoke?

11 Abakirisu b’ukuri baremera ko Yezu Kristu ari we Imana yakoresheje kugira ngo turokoke. Bibiliya ivuga iti: “Nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.” (Ivyakozwe 4:12) Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 5, Yezu yaratanze ubuzima bwiwe ngo bube incungu y’abantu bagamburuka. (Matayo 20:28) Vyongeye, Yezu ni Umwami yagenywe n’Imana mu Bwami bwo mw’ijuru buzotwara isi yose. Imana idusaba kugamburukira Yezu no gushira mu ngiro inyigisho ziwe nimba dushaka kuronka ubuzima budahera. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima.”​—Yohani 3:36.

12. Kutaba uw’isi bisobanura iki?

12 Abasavyi b’Imana b’ukuri si ab’isi. Igihe Yezu yariko aracirwa urubanza imbere ya wa mutegetsi w’Umuroma Pilato, yavuze ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Abayoboke b’ukuri ba Yezu, naho boba baba mu gihugu ikihe, batwarwa n’Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru, ku bw’ivyo bakaba ata ho bahengamira na gato mu vya politike y’iyi si. Ntibisuka mu matati yo muri iyi si. Ariko rero, abasavyi ba Yehova ntibabuza abandi igihe bahisemwo kuja mu mugambwe kanaka, kwitoza canke gutora. Naho abasavyi b’Imana b’ukuri ata ho bahengamira mu vya politike, barakurikiza amategeko. Kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana ribategeka “[kuyobokera] abakuru bari hejuru” mu vy’intwaro. (Abaroma 13:1) Mu gihe habaye ukudahuza hagati vy’ivyo Imana isaba n’ivyo urwego kanaka rwa politike rusaba, abasavyi b’Imana b’ukuri bakurikiza akarorero k’intumwa, izavuze ziti: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:29; Mariko 12:17.

13. Abayoboke b’ukuri ba Yezu babona gute Ubwami bw’Imana, ivyo bigatuma bakora iki?

13 Abayoboke b’ukuri ba Yezu bamamaza ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira. Yezu yari yaravuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Abayoboke b’ukuri ba Yezu Kristu batangaza ko Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira, aho kubaremesha kwizigira ko abatware b’abantu ari bo bazotorera umuti ingorane barimwo. (Zaburi 146:3) Yezu yatwigishije gusenga dusaba iyo ntwaro itunganye igihe yavuga ati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ko ubwo Bwami bwo mw’ijuru “buzojanjagura ubwo bwami [buganza muri iki gihe] bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo bu[ka]zohangama gushika ibihe bitagira urugero.”​—Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 16:14; 19:19-21.

14. Ni idini irihe wibaza ko rikwije ibisabwa ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri?

14 Wishimikije ivyo duhejeje gusuzuma, niwibaze uti: ‘Ni idini irihe usanga inyigisho zaryo zose zishingiye kuri Bibiliya kandi rikaba rimenyekanisha izina ry’Imana ari ryo Yehova? Ni umugwi uwuhe ugizwe n’abantu bagaragaza rwa rukundo Imana yigisha, bizera Yezu, atari ab’isi kandi bamamaza ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira vy’ukuri? Mu madini yose ari kw’isi, ni irihe rishitsa ivyo bintu vyose bisabwa?’ Ibimenyamenya bitomora yuko ari Ivyabona vya Yehova.​—Soma Yesaya 43:10-12.

UGIYE GUKORA IKI?

15. Turetse ukwemera ko Imana iriho, ni ibiki kandi idusaba?

15 Kwemera Imana vyonyene ntibihagije kugira uyihimbare. Kanatsinda Bibiliya ivuga ko n’amadayimoni yemera ko Imana iriho. (Yakobo 2:19) Ariko rero, biribonekeza ko adakora ivyo Imana igomba be n’uko atemerwa na yo. Kugira ngo twemerwe n’Imana, ntidukwiye gusa kwemera ko iriho ariko dukwiye no gukora ivyo igomba. Dutegerezwa kandi kuvavanura n’idini ry’ikinyoma tukaja mw’idini ry’ukuri.

16. Hokorwa iki ku bijanye no kugira uruhara mw’idini ry’ikinyoma?

16 Intumwa Paulo yarerekanye ko tudakwiye kugira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma. Yanditse ati: “‘Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye’; ‘nanje nzobakira.’” (2 Abakorinto 6:17; Yesaya 52:11). Ni co gituma abakirisu b’ukuri birinda ikintu cose gifitaniye isano n’ugusenga kw’ikinyoma.

17, 18. “Babiloni Akomeye” ni iki, kandi ni kubera iki vyihutirwa ‘kuva iwe’?

17 Bibiliya yerekana ko amadini y’ikinyoma yose agize icitwa “Babiloni Akomeye.” * (Ivyahishuwe 17:5) Iryo zina rica ritwibutsa ca gisagara ca kera ca Babiloni, aho idini ry’ikinyoma ryatanguriye inyuma ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Inyigisho nyinshi be n’imigenzo myinshi bikurikizwa mw’idini ry’ikinyoma muri iki gihe vyakomotse i Babiloni, hakaba haciye imyaka n’iyindi. Nk’akarorero, Abanyababiloni barasenga imana zifatiwe hamwe ari zitatuzitatu. Muri iki gihe, Ubutatu ni yo nyigisho nyamukuru mu madini atari make. Mugabo Bibiliya yigisha mu buryo butomoye ko hari Imana y’ukuri imwe gusa Yehova, be n’uko Yezu Kristu ari Umwana wayo. (Yohani 17:3) Abanyababiloni baremera kandi ko abantu bafise umutima w’ubwenge udapfa ubandanya kubaho ikibiribiri capfuye kandi ukaba ushobora kubabarira mu kibanza co kubabarizwamwo. Muri iki gihe, amadini nka yose yigisha ko hariho umutima w’ubwenge udapfa canke impwemu idapfa, ngo bishobora kubabarizwa mu muriro udahera.

18 Kubera ko ugusenga kwa Babiloni ya kera kwakwiragiye mw’isi yose, Babiloni Akomeye yo mu gihe ca none arashobora kwitwa mu buryo bubereye inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Vyongeye, Imana yari yaravuze ko iyo nganji y’idini ry’ikinyoma izokurwaho bukwi na bukwi. Woba ubona igituma bihambaye ko witandukanya n’umuce uwo ari wo wose wa Babiloni Akomeye? Yehova Imana ashaka ko ‘uva iwe’ mu maguru masha, amazi atararenga inkombe.​—Soma Ivyahishuwe 18:4, 8.

Niwakorera Yehova wifatanije n’abasavyi biwe, uzoronka ibisumba kure n’iyo ivyo wotakaza

19. Niwakorera Yehova uzoronka iki?

19 Bivuye ku ngingo ufashe yo guheba idini ry’ikinyoma, hari aboca bareka kwifatanya nawe. Ariko rero, ukoreye Yehova wifatanije n’abasavyi biwe, uzoronka ibisumba kure n’iyo ivyo wotakaza. Nka kumwe kw’abigishwa ba Yezu bo mu ntango bahevye ibindi bintu kugira ngo bamukurikire, uzoronka benewanyu na bashikawe benshi bo mu buryo bw’impwemu. Uzokwinjira mu muryango munini ukwiye kw’isi yose ugizwe n’abakirisu b’ukuri amamiliyoni bagukunda vy’ukuri. Vyongeye, uzogira icizigiro c’akaroruhore co kuzoronka ubuzima budahera “mu gihe kizoza.” (Soma Mariko 10:28-30.) Kumbure mu nyuma, abazoba baraguhevye baguhoye ivyo wemera bazosuzuma ivyo Bibiliya yigisha maze babe abasavyi ba Yehova.

20. Abari mw’idini ry’ukuri biteze iki muri kazoza?

20 Bibiliya yigisha ko Imana igiye gukuraho iyi si mbi maze iyisubirize isi nshasha igororotse itwarwa n’Ubwami bwayo. (2 Petero 3:9, 13) Ese ukuntu izoba ari isi iteye igomwe! Muri iyo si nshasha igororotse hazoba hari idini rimwe gusa, ni ukuvuga uburyo bwo gusenga bw’ukuri bumwe gusa. Ntivyoba none biranga ubukerebutsi uteye intambwe zikenewe kugira ngo wifatanye n’abasavyi b’Imana b’ukuri muri iki gihe?

^ ing. 17 Wipfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye igituma Babiloni Akomeye agereranya inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, raba ikiganiro co mu mayagwa y’inyongera kivuga ngo “Ukuntu twomenya “Babiloni Akomeye.”