Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 7

Ivyo Imana yasezeranye biciye ku ntumwa zayo

Ivyo Imana yasezeranye biciye ku ntumwa zayo

INTUMWA za kera z’Imana zarayizera. Zaremera ivyo yasezeranye zikongera zikabaho zivyisunga. None muri ivyo bintu vyari vyasezeranywe harimwo iki?

Adamu na Eva bakimara kugarariza muri Edeni, Imana yaciye isezerana yuko yogenye umuntu kugira ngo afyonyore umutwe wa ya “nzoka,” iyigereranya “ca gisato kinini . . . , ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani,” ayisangangure ubutagisubira kubaho. (Itanguriro 3:14, 15; Ivyahishuwe 12:9, 12) None uwo muntu yoje yobaye nde?

Haciye imyaka nka 2.000 Yehova atanze ubwo buhanuzi bwa mbere, yarasezeraniye Aburahamu intumwa yiwe yuko uwo muntu yoje yokomotse kuri we. Imana yabwiye Aburahamu iti: “Biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro kubera yuko wumvirije ijwi ryanje.”—Itanguriro 22:18.

Mu 1473 B.G.C., Imana yarahaye intumwa yayo Musa ayandi makuru yerekeye urwo “ruvyaro.” Musa yabwiye abana ba Isirayeli ati: “Umuhanuzi avuye hagati yawe, avuye muri bene wanyu, nka jewe, ni we Yehova Imana yawe azoguhagurukiriza, ari na we mukwiye kwumviriza.” (Gusubira mu vyagezwe 18:15) Uwo muhanuzi, ari yo ntumwa, ameze nka Musa yariko araza, yovuye rero mu bana ba Aburahamu.

Vyongeye, iyo ntumwa yobaye ikomoka ku Mwami Dawidi kandi yo ubwayo yocitse umwami ahambaye. Imana yasezeraniye Umwami Dawidi iti: “Emwe, nzohagurutsa . . . uruvyaro rwawe mu nyuma zawe [kandi] nzoshimangira intebe y’ubwami bwiwe gushika igihe kitagira urugero.” (2 Samweli 7:12, 13) Imana yarahishuye kandi yuko uwo yokomotse kuri Dawidi yokwiswe “Umuganwa w’amahoro,” ica yongerako iti: “Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa be n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ntebe y’ubwami ya Dawidi no ku bwami bwiwe, kugira ngo bushimangirwe no kugira ngo bushigikizwe ubutungane n’ubugororotsi, kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero.” (Yesaya 9:6, 7) Egome, iyo Ndongozi igororotse yotumye kw’isi yose hasubira kuba amahoro n’ubutungane. Ariko none uwo muntu yoshitse ryari?

Rwa “ruvyaro” rwari rwarasezeranywe . . . rwokomotse kuri Aburahamu rwobaye intumwa imeze nka Musa rwokomotse mu muryango wa Dawidi rwoshitse mu mwaka wa 29 G.C. rwofyonyoye ya nzoka ari yo Shetani

Mu nyuma umumarayika Gaburiyeli yabwiye Daniyeli intumwa y’Imana ati: “Ukwiye kumenya kandi ugatahura bimwe vyimbitse yuko kuva igihe hazosohorwa ijambo ryo gusubizaho Yeruzalemu no gusubira kuyubaka, gushika kuri Mesiya Indongozi, hazoba amayinga indwi, habe n’amayinga mirongo itandatu n’abiri.” (Daniyeli 9:25) Ayo yari amayinga 69 y’imyaka, rimwerimwe ryose rikaba rigizwe n’imyaka 7, yose hamwe akaba yangana n’imyaka 483. Yatanguye mu mwaka wa 455 B.G.C. arangira mu mwaka wa 29 G.C. a

None Mesiya ari we ya ntumwa imeze nka Musa akaba na rwa “ruvyaro” rwari rurindiriwe kuva kera, yoba vy’ukuri yaje mu 29 G.C.? Reka tubirabe.