Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 13

Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma uhimbarwa ibihe bidahera

Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma uhimbarwa ibihe bidahera

IVYANDITSWE bivuga biti: “Umugororotsi—azobeshwaho n’ukwizera.” (Abaroma 1:17) Ayo majambo arimwo isezerano ryeza umutima rikuraba. Mu buryo ubuhe?

Yezu ari we Mesiya, amaze kurangiza igikorwa ciwe co ng’aha kw’isi, yaciye aduga mw’ijuru kugira ngo abane n’Imana. Mu gihe abigishwa biwe bariko baravyitegereza, ‘yaradugijwe hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.’ (Ivyakozwe 1:9) Ageze mw’ijuru, Imana yaramugenye ngo abe Umwami w’umunyabushobozi wo mw’ijuru. Vuba, Yezu ari we “Mwana w’umuntu” azoshika ari “mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, [aheze yicare] ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa.” Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; na we azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.” (Matayo 25:31, 32) None ivyo bizoba ryari?

Ivyanditswe Vyeranda biratumenyesha imbere y’igihe ibijanye n’ikiringo kw’isi yose hazoba hari ingorane, ivyo bikaba vyobaye ikimenyetso c’uko urubanza Mesiya azocira amahanga ruri hafi. Yezu yarasiguye ivyobaye bigize ico kimenyetso ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami; kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi; kandi hazoba ibintu biteye ubwoba.”—Luka 21:7, 10, 11.

Ingorane zihari muri iki gihe zerekana yuko Mesiya vuba agiye gucira urubanza amahanga

Muri iki gihe, turashobora kubona neza yuko ayo majambo ya Yezu ariko araranguka. Vuba, Yezu azoza gutikiza abanyakibi. Ubwa nyuma, mbere na Shetani azoca atikizwa! Isi yose izoca iba iparadizo. Abantu bose bazobana mu mahoro, eka mbere babane mu mahoro n’ibikoko. Ivyanditswe bivuga biti: “Ibingira rizoza riramara igihe ribana vy’ukuri n’umwagazi w’intama w’isuguru, n’ingwe izoryama hamwe n’umwagazi w’impene, n’inyana n’intambwe y’umukangara y’umugāra be n’igikoko cagaburiwe neza vyose hamwe; kandi agahungu gatoyi ni ko kazobiyobora. . . . Nta kizokora inabi canke ngo kigire ico cononye.” (Yesaya 11:6, 9) “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ . . . Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, kandi amatwi y’ibipfamatwi azozibuka.” (Yesaya 33:24; 35:5) Mbere n’abapfuye bazozurwa. “Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose,” kandi “urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.” (Yesaya 25:8; Ivyahishuwe 21:4) Umugambi Imana yari ifitiye isi mu ntango uzoca uranguka. Mbega icizigiro ciza igitangaza!

Nugume ukomeza ukwizera kwawe

Ni abantu abahe Imana izoha impera yo kuba mw’Iparadizo? Ni abantu bafise ukwizera, egome ukwizera nyakuri!

Uribuka yuko ukwizera nyakuri gushingiye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana. Ku bw’ivyo rero, nubandanye kurushiriza kumenya Imana na Yezu!

Abantu bafise ukwizera bazokwibera mw’Iparadizo ibihe bidahera!

Ukwizera nyakuri gushigikirwa n’ibikorwa bigororotse. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.” (Yakobo 2:26) Niwakora mwene ivyo bikorwa vyiza, uzogaragaza kamere nziza igitangaza z’Imana, izo na zo zikaba ari ububasha, ubutungane, ubukerebutsi, n’urukundo. Nubandanye kwihatira gutsimbataza izo kamere zishimwa n’Imana!

Kugira ukwizera nyakuri bizotuma uronka impera nyinshi. Ego cane, kurashobora gutuma ubaho uhimbawe, haba ubu be n’ibihe bidahera!