Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JenkoAtaman/stock.adobe.com

NUGUME URI MASO!

Imvo zotuma tugira icizigiro mu 2023​—Bibiliya ibivugako iki?

Imvo zotuma tugira icizigiro mu 2023​—Bibiliya ibivugako iki?

 Muri uwu mwaka utanguye wa 2023, twese twipfuza kumererwa neza hamwe n’imiryango yacu. Kubera iki twogira icizigiro?

Bibiliya iratanga icizigiro

 Bibiliya iratubwira agakuru keza ko ingorane dufise muri iki gihe ari iz’igihe gito kandi ko vuba zigiye gutorerwa umuti. Nkako, Bibiliya ‘yanditswe kugira ngo itwigishe kugira ngo biciye . . . ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.’​—Abaroma 15:4.

Icizigiro cogufasha ubu

 Icizigiro Bibiliya itanga kirashobora kumera nk’“inanga y’ubwato y’ubuzima.” (Abaheburayo 6:19) Ico cizigiro kirashobora gutuma tudahungabana. Kirashobora kudufasha kwihanganira ingorane zidushikira muri iki gihe, kigatuma tubona ibintu mu buryo bwiza kandi kigatuma twamana umunezero. Nk’akarorero:

  •   Raba ukuntu icizigiro Bibiliya itanga cafashije umugabo yari yariziziwe n’ingeso mbi. Nurabe ividewo ivuga ngo Ingeso zanje zari zingeze ahantu.

  •   Raba ukuntu icizigiro Bibiliya itanga gishobora kugufasha igihe uwo wakunda apfuye. Nurabe ividewo ivuga ngo Icohumuriza abagandaye.

Nukomeze icizigiro cawe

 Abantu benshi barizigira ibintu vyiza, ariko usanga bataba bazi neza nimba ivyo bintu bizigiye bizokwigera biranguka. Ivyo Bibiliya isezerana vyo si ukwo biri. Uti kubera iki? Kubera ko biva kuri Yehova Imana, a na we akaba “[a]dashobora kubesha.” (Tito 1:2) Yehova ni we wenyene afise ububasha bwo gushitsa ivyo asezerana vyose; arashoboye gukora ‘ivyo ahimbawe no gukora vyose.’​—Zaburi 135:5, 6.

 Turagutumiye ngo wungukire ku cizigiro Bibiliya itanga. Urashobora gukomeza ico cizigiro mu ‘gusuzuma Ivyanditswe uvyitondeye.’ (Ivyakozwe 17:11) Nuvyirabire biciye ku vyigwa vya Bibiliya bitunganijwe neza dutanga ku buntu. Nutangure umwaka wa 2023 wizeye ko ibintu bizogenda neza!

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.