Yobu 13:1-28

  • Yobu abandanya kumwishura (1-28)

    • «Jewe noshima kwivuganira n’Imana» (3)

    • «Muri abaganga ata co bamaze» (4)

    • «Ndazi neza ko ndi mu kuri» (18)

    • Abaza igituma Imana imufata nk’umwansi (24)

13  Egome, ivyo vyose naravyiboneye n’amaso yanje.Naravyumvise n’amatwi yanje kandi ndabitahura.   Ivyo muzi nanje ndabizi,nta na kimwe mundusha.   Ariko jewe noshima kwivuganira na Mushoboravyose.Nohimbarwa no gushikiriza Imana urubanza rwanje+.   Mugabo mwebwe mundemeka ibinyoma.Mwese muri abaganga ata co bamaze+.   Ese iyo mupfuma mwihorera!Vyari kwerekana ko mufise ubukerebutsi+.   Ndabasavye mwumvirize ivyo nireguza.Nimutege ugutwi ukwiburanira kwanje.   Muvuge ibinyoma ngo muriko muvugira Imana?Mwubahuke kuyibeshera?   Mbega mwoja ku ruhande rwayo*,mukaburanira Imana y’ukuri?   Hamwe yobasuzuma, mwibaza ko yosanga mwera+? Ugira ngo mwoyibesha nk’uko mubesha umuntu? 10  Hamwe mwogerageza kugira nkunzi mu mpisho,ni ukuri ntiyoreka kubahana+. 11  Mbega ntimwotinya icubahiro cayo?Ntimwogira ubwoba kubera yo? 12  Amajambo yanyu y’ubwenge* ni imigani ata co imaze nk’iminyota.Ivyo mwireguza* bimeze nk’inkinzo z’ibumba. 13  Nimuhore nanje mvuge, maze bice aho bishaka! 14  Kubera iki nokwishira mu kaga*,ubuzima bwanje nkabutwarira mu ntoke? 15  Naho yonyica, noguma ndayizigiye*+.Nzokwiburanira* imbere yayo. 16  Na yo rero yoheza ikankiza+,kuko umuntu atubaha Imana* atorenguka imbere yayo+. 17  Nimwumvirize neza amajambo yanje.Nimutege amatwi ivyo mvuga. 18  Ubu rero nateguye urubanza rwanje,ndazi neza ko ndi mu kuri. 19  Ni nde yonyagiriza ikosa? Hamwe noguma ncereje noca mpfa*. 20  Ewe Mana, ndagusavye ibi bintu bibiri gusa*,kugira sindakwinyegeze: 21  Nunkureko ukuboko kwawe kuremereye,kandi ntureke ngo kugutinya bitume ndanduka umutima+. 22  Nuvuge nanje ndakwishure,canke na ho ureke mvuge, nawe unyishure. 23  Amakosa yanje n’ibicumuro vyanje ni ibihe? Nyereka ubugarariji bwanje n’igicumuro canje. 24  Kubera iki umpisha mu maso hawe+,ukamfata nk’umwansi wawe+? 25  Mbega wogerageza gutera ubwoba ibabi riguruwe n’umuyaga?Canke wokwiruka inyuma y’ivyatsi vyumye? 26  Kuko uguma wandika ibirego bikaze vyo kunyagiri⁠za,ugatuma nishura ibicumuro vyo mu buto bwanje. 27  Waraboshe amaguru yanje*,uguma usuzuma inzira zanje zose,kandi uguma ukurikirana aho mponyoza ikirenge hose. 28  Umuntu* rero aherengetera nk’ikintu caboze,nka kurya kw’impuzu yariwe n’udukoko.

Utujambo tw'epfo

Canke «mwoyigirira nkunzi.»
Canke «y’intibagirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «imikondo y’inkinzo zanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuki notwara inyama z’umubiri wanje mu menyo.»
Canke «ndayirindiriye.»
Canke «nzoburanira inzira zanje.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe yoboneka, noca numa ngapfa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibi bintu bibiri gusa ntubinkorere.»
Canke «warashize amaguru yanje mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).
Uwo muntu ashobora kuba ari Yobu.