Yobu 13:1-28
13 Egome, ivyo vyose naravyiboneye n’amaso yanje.Naravyumvise n’amatwi yanje kandi ndabitahura.
2 Ivyo muzi nanje ndabizi,nta na kimwe mundusha.
3 Ariko jewe noshima kwivuganira na Mushoboravyose.Nohimbarwa no gushikiriza Imana urubanza rwanje+.
4 Mugabo mwebwe mundemeka ibinyoma.Mwese muri abaganga ata co bamaze+.
5 Ese iyo mupfuma mwihorera!Vyari kwerekana ko mufise ubukerebutsi+.
6 Ndabasavye mwumvirize ivyo nireguza.Nimutege ugutwi ukwiburanira kwanje.
7 Muvuge ibinyoma ngo muriko muvugira Imana?Mwubahuke kuyibeshera?
8 Mbega mwoja ku ruhande rwayo*,mukaburanira Imana y’ukuri?
9 Hamwe yobasuzuma, mwibaza ko yosanga mwera+?
Ugira ngo mwoyibesha nk’uko mubesha umuntu?
10 Hamwe mwogerageza kugira nkunzi mu mpisho,ni ukuri ntiyoreka kubahana+.
11 Mbega ntimwotinya icubahiro cayo?Ntimwogira ubwoba kubera yo?
12 Amajambo yanyu y’ubwenge* ni imigani ata co imaze nk’iminyota.Ivyo mwireguza* bimeze nk’inkinzo z’ibumba.
13 Nimuhore nanje mvuge,
maze bice aho bishaka!
14 Kubera iki nokwishira mu kaga*,ubuzima bwanje nkabutwarira mu ntoke?
15 Naho yonyica, noguma ndayizigiye*+.Nzokwiburanira* imbere yayo.
16 Na yo rero yoheza ikankiza+,kuko umuntu atubaha Imana* atorenguka imbere yayo+.
17 Nimwumvirize neza amajambo yanje.Nimutege amatwi ivyo mvuga.
18 Ubu rero nateguye urubanza rwanje,ndazi neza ko ndi mu kuri.
19 Ni nde yonyagiriza ikosa?
Hamwe noguma ncereje noca mpfa*.
20 Ewe Mana, ndagusavye ibi bintu bibiri gusa*,kugira sindakwinyegeze:
21 Nunkureko ukuboko kwawe kuremereye,kandi ntureke ngo kugutinya bitume ndanduka umutima+.
22 Nuvuge nanje ndakwishure,canke na ho ureke mvuge, nawe unyishure.
23 Amakosa yanje n’ibicumuro vyanje ni ibihe?
Nyereka ubugarariji bwanje n’igicumuro canje.
24 Kubera iki umpisha mu maso hawe+,ukamfata nk’umwansi wawe+?
25 Mbega wogerageza gutera ubwoba ibabi riguruwe n’umuyaga?Canke wokwiruka inyuma y’ivyatsi vyumye?
26 Kuko uguma wandika ibirego bikaze vyo kunyagiriza,ugatuma nishura ibicumuro vyo mu buto bwanje.
27 Waraboshe amaguru yanje*,uguma usuzuma inzira zanje zose,kandi uguma ukurikirana aho mponyoza ikirenge hose.
28 Umuntu* rero aherengetera nk’ikintu caboze,nka kurya kw’impuzu yariwe n’udukoko.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mwoyigirira nkunzi.»
^ Canke «y’intibagirwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imikondo y’inkinzo zanyu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuki notwara inyama z’umubiri wanje mu menyo.»
^ Canke «ndayirindiriye.»
^ Canke «nzoburanira inzira zanje.»
^ Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe yoboneka, noca numa ngapfa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibi bintu bibiri gusa ntubinkorere.»
^ Canke «warashize amaguru yanje mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).
^ Uwo muntu ashobora kuba ari Yobu.