Yobu 2:1-13

  • Shetani asubira kuvyura ibihari ku mvo zituma Yobu agamburuka (1-5)

  • Shetani yemererwa kugirira nabi Yobu ku mubiri (6-8)

  • Muka Yobu amubwira ati: «Tuka Imana upfe!» (9, 10)

  • Abagenzi batatu ba Yobu baza kumuraba (11-13)

2  Hanyuma umusi ugeze, abamarayika*+ barinjira bahagarara imbere ya Yehova+, na Shetani yinjirana na bo ahagarara imbere ya Yehova+.  Yehova abaza Shetani ati: «Uvuye hehe?» Shetani yishura Yehova ati: «Mvuye kunyuragira mw’isi no kuyitemberamwo+  Yehova aca abwira Shetani ati: «Mbega witegereje* umusavyi wanje Yobu? Nta n’umwe ameze nka we kw’isi. Ni umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi. Aracumiye ku gutungana kwiwe+ naho uguma unsaba ngo ndamurandure*+ ata co ndamuhora.»  Ariko Shetani yishura Yehova ati: «Urukoba rukabwa urundi. Mbere n’ivyo umuntu afise vyose yobitanga kugira arokore igufa.  Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, usinzikaze ubuzima bwiwe*, urabe ko atakuvuma imbonankubone+  Yehova aca abwira Shetani ati: «Ehe ng’uyo ari mu kuboko kwawe*! Ariko gusa ntumwice.»  Shetani aca arasohoka, ava imbere ya Yehova maze ateza Yobu ibihute bikaze*+, kuva mu kirenge gushika ku mutwe.  Yobu aca yicara mu minyota+, araheza atora urujo rwo kwiyagaza.  Vyakabaye kera, umugore wiwe amubwira ati: «Mbega uracumiye ku gutungana kwawe? Tuka Imana upfe!» 10  Ariko Yobu amwishura ati: «Uvuga nk’umugore atagira ubwenge. None twokwakira ivyiza gusa bivuye ku Mana, ntitwakire n’ibibi na vyo+?» Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura n’iminwa yiwe+. 11  Nuko abagenzi batatu ba Yobu ari bo Elifazi+ w’i Temani, Biludadi+ w’i Shuhi+ na Zofari+ w’i Nayama bumva ivyago vyose vyari vyamushikiye. Baca basezerana guhurira hamwe kugira baje kwa Yobu kumuremesha no kumuhoza. 12  Bamubonye bakiri kure, ntibamenye n’uko yari Yobu. Baca batangura kurira cane, batabura impuzu zabo, basurira umukungugu mu kirere no ku mitwe yabo+. 13  Baguma bicaranye na we hasi imisi indwi n’amajoro indwi. Nta n’umwe yamubwira ijambo na rimwe, kuko babona ko ububabare yarimwo bwari bwinshi cane+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «washize umutima ku.»
Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndamurotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «usinzikaze igufa ryiwe n’umubiri wiwe.»
Canke «uramufiseko uburenganzira.»
Canke «ibisebe bikomeye.»