Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | AKAGUMYE BAGUMAKO

Wokora iki kugira uroranirwe?

Wokora iki kugira uroranirwe?

MURI iki gihe twese usanga tutorohewe. Mugabo kugira turoranirwe bisaba ko twemera ingorane turimwo kandi tukagerageza gukora ivyo dushoboye. Nimba ushoboye kwihanganira ingorane ufise, ni vyiza. Bishitse zimwezimwe ukazitorera umuti na ho, vyoba ari vyiza kuruta. Mugabo bizoba ari vyiza cane muri kazoza igihe umuti nyawo uzoba wabonetse.

Bibiliya iravuga ko hazogera igihe abantu bose babaho ata ngorane n’imwe ibahanze. Bazoshobora gukora ivyo bipfuza vyose kuko ata ngorane zitesha umutwe, imyitwarariko y’ubuzima canke ivyiyumviro bica intege bazoba bafise. (Yesaya 65:21, 22) Bibiliya ivuga ko ubwo ari bwo “buzima nyakuri.”1 Timoteyo 6:19.

“Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. Kuko imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti; kandi abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”Yesaya 65:21, 22.