Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Mongoliya

Tuje muri Mongoliya

GENGHIS KHAN yari umurwanyi adatinya wo mu kinjana ca 12. Ni we yatanguje inganji ikomeye y’Abanyamongoliya. Igihugu ca Mongoliya ni agace gatoyi gusa k’iyo nganji ya kera, kikaba kiri hagati y’Uburusiya n’Ubushinwa. Uravye ukuntu kingana, kiri mu bihugu bifise abanyagihugu bake kuruta ibindi kw’isi.

Mongoliya igizwe n’inzuzi, imigezi, imisozi ihanamye, imirambi iriko ivyatsi bitotahaye be n’ibice binini vyuzuye ivyatsi. Mu bumanuko hari ubugaragwa bwitwa Gobi, bukaba buzwi cane kubera ko ari ho habitswe ibisigarira vy’ibikoko vyitwa dinosaures. Abantu bo muri Mongoliya bakunze kucita ngo ni “Igihugu c’ijuru risa n’ubururu.” Iryo zina rirabereye kuko muri Mongoliya igice kinini c’umwaka haba haka izuba ryinshi!

Ingwe iba mu bibarafu

Muri Mongoliya harashuha cane canke hagakanya cane. Mu ci, urugero rw’ubushuhe rushobora kuduga gushika kuri dogere 40. Mu rushana na ho urugero rw’ubukanye ruramanuka gushika kuri dogere 40 munsi y’ubusa. Hafi ica gatatu c’abantu baba muri Mongoliya baza barimukanga. Abagabo n’abagore batangura ibikorwa kare mu gitondo bagatangurira ku gukama impene, inka, ingamiya be n’ifarasi. Abanyamongoliya bakunda gufungura ibintu biva mu mata be n’inyama, bakaba bakunda cane inyama y’intama.

Udutsima bita aaruul twanikiye ku zuba. Badukora mu mavuta y’amata batereye

Abantu bo muri Mongoliya ni abakiranyi. Bakunda gusiga buguruye amazu yabo yo mu mahema kugira ngo abahita bashobore kuharuhukira no gufungura ivyo baba babasigiye. Abashitsi bakunda kubazimana icayi c’amata gishushe kirimwo akunyu gakeyi.

Abantu benshi muri Mongoliya ni ababuda. Naho benshi mu basigaye ata dini barimwo, hariyo imigwi mitomito y’abashama, abisilamu n’abakirisu. Muri Mongoliya hari Ivyabona vya Yehova barenga 350 bakaba bigisha Bibiliya abantu barenga 770.

Ingamiya nk’izi usanga zitwaye imizigo no mu gihe haba hakanye cane