Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | AKAGUMYE BAGUMAKO

Ingorane: Ivyiyumviro bica intege

Ingorane: Ivyiyumviro bica intege

VYOBA bishika ukarengerwa n’umubabaro, ishavu canke inzika? Nimba bishika, hari aho vyotuma utakaza umwanya n’inguvu wari gukoresha mu bintu bigufitiye akamaro. None wokora iki? *

AKARORERO KO MURI BIBILIYA: DAWIDI

Umwami Dawidi yaragize ivyiyumviro vyinshi bidurumbanye. Nk’akarorero, yaragize amaganya be n’intuntu. None ni ibiki vyamufashije kwihangana? Yashize ibintu mu maboko y’Imana. (1 Samweli 24:12, 15) Vyongeye yaranditse ukuntu yiyumva. Kandi kubera ko yari afise ukwizera, yarasenga kenshi. *

UKO GREGORY ABIGENZA

Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro ca mbere, Gregory arwaye ihahamuka. Avuga ati: “Nariganyira birenze urugero.” None ni igiki camufashije? Yigana ati: “Naremeye gufashwa n’umukenyezi wanje be n’abagenzi. Naragiye kandi kwa muganga bituma menya vyinshi ku vyerekeye iyo ndwara yanje. Maze guhindura ibintu bimwebimwe mu buzima, iyo ndwara ntiyari ikinyiganzira nka mbere. Naho n’ubu bishika nkagira amaganya, ndatahura neza ikiyatera kandi ndazi ingene nca ndavyifatamwo.”

“Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.”Imigani 17:22

ICO WOKORA

Nimba ivyiyumviro bica intege bikwiganziye, gerageza ibi bikurikira:

  • Raba aho uvyandika.

  • Vyiganire incuti canke umugenzi.

  • Birwanye. Nk’akarorero, niwibaze uti: ‘Ibi vyiyumviro mfise vyoba bifise ishingiro koko?’

  • Ntugumize umutima wawe ku maganya, ishavu, canke inzika. Ahubwo riho nugerageze gukora ibintu ngirakamaro. *

Muri make: Kenshi ivyiyumviro bica intege ntibiva ku bintu biba vyadushikiye ahubwo biva ku kuntu tubona ivyo bintu.

^ par. 3 Hari abiyumva gutyo kubera ingorane y’amagara yoshobora kuvurwa n’abaganga. Ikinyamakuru Be maso! ntikiremesha abantu gukurikiza uburyo kanaka bwo kwivuza. Umuntu ku giti ciwe akwiye kuraba neza icomubera ciza maze akifatira ingingo.

^ par. 5 Amazaburi menshi yanditse muri Bibiliya ni amasengesho Dawidi yatuye.

^ par. 13 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ibiganiro bitangura mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2015 uvuga ngo “Wokora iki ufise amaganya?”