Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikintu ca 6: Imana iremera ko abantu bakoresha ibishusho mu gusenga

Ikintu ca 6: Imana iremera ko abantu bakoresha ibishusho mu gusenga

Ico kintu cakomotse hehe?

“Abakirisu bo mu ntango ntibakoresha ibishusho mu gusenga . . . Ibishusho vyatanguye gukoreshwa muri Ekeleziya mu kinjana ca kane n’ica gatanu hishimikijwe iciyumviro c’uko ngo abantu ata co bazi bari gushobora kwiga neza ibintu vyerekeye ubukirisu bafatiye kuri ivyo bishusho kuruta kuvyigira mu nsiguro canke mu bitabu.”​—Bivugwa n’igitabu kimwe (Cyclopedia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature), canditswe na McClintock hamwe na Strong, Imbumbe ya 4, ku rupapuro rwa 503 n’urwa 504.

Bibiliya ibivugako iki?

Ivuga iti: “Ntukibāzire igishushanyo, cank’igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz’uvyikubite imbere, ntuz’ubisabe.” (Kuvayo 20:4, 5) Intumwa Yohani yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere, ati: “Bana bato, mwirinde ibigirwamana.”​—1 Yohani 5:21.

None ugukoresha ibishusho bwoba ari uburyo bufasha gusa kwiyegereza no gutera iteka ico biba bigereranya, nk’uko amadini abivuga? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Encyclopedia of Religion) kivuga giti: “Mu ntango, ibishusho bishobora kuba vyakoreshwa ahanini mu bijanye n’ukwigisha be n’ugushariza; ivyo ni vyo n’imiburiburi abantu bavuga kugira ngo basigure igituma vyakoreshwa. Ariko twovuga yuko bidatevye, vyahavuye biza birasengwa. Ivyo vyari ivy’ukuri na canecane ku bijanye n’ibishushanyo vyahavuye bicika ikintu gihambaye kiranga idini rya Orotodogisi ryo mu Buseruko.” Ariko rero, umuhanuzi Yesaya yarabajije adaca ku ruhande, ati: “Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n’ishusho ki?”​—Yesaya 40:18.

Gereranya iyi mirongo yo muri Bibiliya: Yesaya 44:13-19; Ibikorwa 10:25, 26; 17:29; 2 Abakorinto 5:7

UKURI AHO KURI:

Imana ntiyemera ko abantu bakoresha ibishusho

NIWIYAMIRIZE INYIGISHO ZITARI ZO, WUMIRE KU KURI

None ni iciyumviro ikihe dushobora gushikako dufatiye kuri uku kurimbura muri make izo nyigisho zitari zo zicigishwa n’amadini menshi? Iyo “migani [mu kigiriki, my ʹthos] yaremwe n’akenge” ntishobora kugereranywa n’ukuri kworoshe gutahura kandi guhumuriza kwo muri Bibiliya.​—2 Petero 1:16, Bibiliya Yera.

Ku bw’ivyo rero, ubigiranye ubwenge bwugurutse, ntiwitinye kugereranya ivyo wigishijwe be n’ivyo Ijambo ry’Imana rivuga, rino rikaba ari ryo sôko ry’ukuri. (Yohani 17:17) Niwabigenza gutyo, uwu muhango uzoca ukubera uw’ukuri, na wo ukaba ugira uti: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—Yohani 8:32.