Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova aratureka tukihitiramwo

Yehova aratureka tukihitiramwo

Niwiyegereze Imana

Yehova aratureka tukihitiramwo

Gusubira mu vyagezwe 30:11-20

“A KENSHI narumva mfise ubwoba ata ho bwari buhagaze bw’uko nohemukiye Yehova.” Ivyo ni ivyavuzwe n’umwigeme umwe mukirisu yahoze yumva ko ibintu bibi yaciyemwo akiri muto vyotumye impera n’imperuka ibintu bimugendera nabi. None ukwo kwoba ari ko ibintu bimeze? Ubwo vy’ukuri, ivyadushikiye mu buzima vyoba bibwirizwa kutugirako ingaruka ku buryo atacodufasha? Habe namba. Yehova Imana yaraduhaye ingabirano y’ubushobozi bwo kwihitiramwo, akaba ari co gituma dushobora kwihitiramwo ukuntu tuzobaho. Yehova ashaka ko tugira amahitamwo meza, kandi Ijambo ryiwe Bibiliya riratubwira ukuntu twobigira. Rimbura amajambo Musa yavuze, na yo tukaba tuyasanga mu Gusubira mu vyagezwe, ikigabane ca 30.

Kumenya ivyo Imana idusaba no kubikora coba ari ikintu kigoye? a Musa avuga ati: “Ivyo vyagezwe mbageze uyu musi [si] ivyo kubananira, kand[i si] ibiri kure.” (Umurongo wa 11) Yehova ntadusaba ibidashoboka. Ivyo adusaba birumvikana kandi turashobora kubishitsa. Turashobora no kubimenya. Ntitubwirizwa kuduga “mw ijuru” canke kujabuka “hakurya y’ikiyaga” kugira ngo tumenye ivyo Imana itwitezeko. (Umurongo wa 12, 13) Bibiliya iratubwira mu buryo butomoye ukuntu dukwiye kubaho.​—Mika 6:8.

Ariko rero, Yehova ntaduhata ngo tumugamburukire. Musa avuga ati: “Uyu musi mbashize imbere ubugingo n’amahirwe, bo n’urupfu n’amagorwa.” (Umurongo wa 15) Turafise uburenganzira bwo guhitamwo hagati y’ubugingo n’urupfu, no hagati y’amahirwe n’amagorwa. Turashobora guhitamwo gusenga be no kugamburukira Imana maze tukitega kuronka imihezagiro, canke na ho tugahitamwo kuyigambararira maze tugashikirwa n’ingaruka zavyo. Muri iyo mice yompi, ni twe twihitiramwo.​—Umurongo wa 16-18; Abagalatiya 6:7, 8.

None ingendo duhitamwo hoba hari ico itwaye Yehova? Ego cane kiriho! Musa ahumekewe n’Imana, yavuze ati: “Ni muhitemw’ubugingo.” (Umurongo wa 19) Ariko none, ni gute duhitamwo ubugingo, ari bwo buzima? Musa yasiguye ati: “Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata.” (Umurongo wa 20) Nitwakunda Yehova, tuzokwipfuza kumwumvira tubigiranye ukugamburuka no kumwumirako tudahemuka, naho hoza iki. Biciye kuri mwene iyo ngendo, tuba duhisemwo ubuzima, ni ukuvuga uburyo bwiza gusumba ubundi bwose bwo kubaho muri iki gihe, dufise icizigiro co kuronka ubuzima budahera mw’isi nshasha yegereje y’Imana.​—2 Petero 3:11-13; 1 Yohani 5:3.

Amajambo Musa yavuze aratwigisha ukuri kudusubiriza umutima mu nda. Naho woba warashikiwe n’ibiki muri iyi si mbi, ntubwirizwa gushikirwa n’ingaruka zavyo ku buryo atacogufasha; eka n’ibintu ntibitegerezwa kukugendera nabi. Yehova yaraguteye iteka mu kuguha ingabirano y’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ego cane, urashobora guhitamwo gukunda Yehova, kumwumvira be no kuguma uri intadohoka kuri we. Niwagira ihitamwo nk’iryo, Yehova azohezagira utwigoro twawe.

Uku kuri, na kwo kukaba kujanye n’ukuba dufise uburenganzira bwo kwihitiramwo gukunda Yehova no kumukorera, kwarahumurije wa mwigeme twavuga mu ntango. Avuga ati: “Ndakunda Yehova. Rimwe na rimwe, vyarashika nkibagira ko kuba nkunda Yehova ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose. Ndashobora rero kuba umwizigirwa.” Ubifashijwemwo na Yehova, na wewe urabishoboye.

[Akajambo k’epfo]

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwiyegereze Imana​—Ni ibiki Yehova adusaba?”, mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Gitugutu 2009.