Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramaze inyota

Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramaze inyota
  • YAVUTSE MU: 1987

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: AZERBAYIJANI

  • IVYO YACIYEMWO: SE YARI UMWISILAMU, NYINA AKABA UMUYAHUDI

KAHISE KANJE:

Navukiye i Baku muri Azerbayijani. Twavutse turi abana babiri, nkaba ndi uwa kabiri. Dawe yari Umwisilamu mawe na we akaba yari mw’idini ry’Abayahudi. Naho abavyeyi banje batemera bimwe mu bijanye no gusenga barakundana cane. Mawe yarashigikira dawe igihe yaba ari mu mafungo mu kwezi kwa Ramazani, dawe na we akamushigikira igihe ca Pasika. I muhira twari dufise Ikorowani, Itorati y’Abayahudi be na Bibiliya.

Jewe nabona ko ndi Umwisilamu. Naho ntigera nkekeranya ku bijanye n’uko Imana ibaho, hari ibibazo bimwebimwe ntatahura. Naribaza nti: ‘Ni kubera iki Imana yaremye abantu? Bimaze iki kubaho mu mibabaro ubuzima bwawe bwose, amaherezo ukaja mu muriro udahera?’ Kubera ko abantu bavuga ko ibintu vyose bishika kubera ko Imana ibishaka, naribaza nti: ‘Imana yoba ari yo ituma abantu bashikirwa n’imibabaro, ikanezerezwa no kubona bariko bamererwa nabi?’

Igihe nashikana imyaka 12, naratanguye kuza ndasenga gatanu ku musi nk’uko biri mu migirwa y’abisilamu. Ndi muri iyo myaka, jewe na mukuru wanje dawe yaciye adushira mw’ishure ry’Abayahudi. Mu bintu twiga, twarigishwa inyigisho n’imigenzo vy’idini ry’Abayahudi be n’igiheburayo. Imbere y’uko ivyigwa vyo mw’ishure bitangura, twategerezwa gusenga twisunze imigirwa yo mw’idini ry’Abayahudi. Mu gitondo rero nasenga nk’abisilamu ndi muhira, mu nyuma ngeze kw’ishure ngaca nsenga nk’Abayahudi.

Nari nyotewe kuronka inyishu zumvikana z’ibibazo vyangora gutahura. Nama mbaza abakuru bo mw’idini ry’Abayahudi kw’ishure nti: “Ni kubera iki Imana yaremye abantu? Ko dawe ari Umwisilamu, Imana imubona gute? Dawe ni umuntu mwiza. Kubera iki none abonwa ko ahumanye? Kubera iki Imana yamuremye?” Inyishu nkeyi bampaye ntizari zitomoye kandi ntizanyuze.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 2002 sinabaye ncemera yuko Imana ibaho. Tumaze gusa indwi imwe twimukiye mu Budagi, dawe yaragize ingorane y’itembera ry’amaraso mu bwonko bituma aja muri koma. Nari maze imyaka itari mike nsenga nsaba yuko umuryango wacu wogira amagara meza ukongera ugatunganirwa. Kubera ko natahura yuko Imana Mushoboravyose ari yo ifise ububasha bwo gutuma umuntu abaho canke agapfa, ku musi ku musi nama ndayitakambira ngo dawe ntapfe. Niyumvira nti: ‘Gushitsa icipfuzo c’umwana nkanje ni ikintu gitoyi ku Mana.’ Nari nzi ko yoshikije ivyo nayisaba. Ariko ikibabaje, dawe yarapfuye.

Narababajwe cane n’ukuntu wamengo Imana ntimbabaye, ndavunika umutima. Niyumviriye nti: ‘Ntegerezwa kuba nsenga Imana mu buryo butari bwo canke ikaba itabaho.’ Naracitse intege maze ndaheba ivyo gusenga nk’umwisilamu. Ayandi madini nabona ko adatomoye, nca nshika ku ciyumviro c’uko ata Mana ibaho.

Haciye amezi atandatu, Ivyabona vya Yehova baratugendeye. Kubera ko jewe na mukuru wanje tutemera abakirisu, twaripfuje kubereka mu rupfasoni yuko bihenda. Twababajije duti: “Kubera iki abakirisu basenga Yezu, umusaraba, Mariya be n’ibindi bigirwamana kandi ivyo vyiyamirizwa muri ya Mabwirizwa Cumi?” Baratweretse neza bakoresheje Bibiliya yuko abakirisu b’ukuri badakwiye gusenga ibigirwamana, kandi yuko amasengesho akwiye guturwa Imana yonyene. Naratangaye cane.

Twaciye tubabaza duti: “Bite ho ku bijanye n’Ubutatu? Nimba Yezu ari Imana, yari gushobora gute kuba kw’isi abantu bakamwica?” No kuri ico kibazo nyene bakoresheje Bibiliya mu kutwishura, baradusigurira yuko Yezu atari Imana kandi ko atangana na yo. Baciye batubwira yuko iyo ari yo mpamvu na bo nyene batemera Ubutatu. Naratangaye cane maze niyumvira nti: ‘Aba bantu ni abakirisu bwoko ki?’

Naho vyari ukwo, naripfuza kumenya igituma abantu bapfa be n’igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro. Ivyo Vyabona baranyeretse igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera * carimwo ibigabane vyishura ivyo bibazo. Baciye ubwo nyene batangura kunyigisha Bibiliya.

Uko twiga, nararonka inyishu zumvikana kandi zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo vyanje. Ico gihe ni ho namenya ko izina ry’Imana ari Yehova. (Zaburi 83:18) Naramenye kandi ko kamere yayo nyamukuru ari urukundo ruzira ubwikunzi. (1 Yohani 4:8) Yaremye abantu kugira ngo na bo bahimbarwe no kubaho. Naratahuye yuko Imana yanka urunuka akarenganyo naho ireka kakabandanya, ndatahura kandi yuko vuba igiye kugakuraho buhere. Naramenye kandi yuko ubugarariji bwa Adamu na Eva ari bwo bwakwegeye abantu. (Abaroma 5:12) Imwe mu ngaruka zibabaje bakwegeye abantu ni ukubura abacu, harimwo na dawe. Ariko rero, Imana izokuraho ivyago vyose mw’isi nshasha igiye kuza, aho abapfuye bose bazosubira kuba bazima.Ivyakozwe 24:15.

Ukuri kwo muri Bibiliya kwaramaze inyota nari mfise yo kuronka inyishu z’ibibazo nibaza. Narasubiye kwemera ko Imana ibaho. Maze kumenya neza Ivyabona vya Yehova, narabonye ko bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Urukundo n’ubumwe bari bafitaniye vyarankoze ku mutima. (Yohani 13:34, 35) Ivyo niga ku bijanye na Yehova vyatumye ngira icipfuzo co kumukorera. Naciye mfata ingingo yo kuba Icabona ca Yehova maze mbatizwa kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2005.

IVYIZA NAHAKUYE:

Ibintu vyumvikana Bibiliya yigisha vyaratumye mbona ubuzima mu buryo bwiza. Inyishu z’ukuri naronse biciye kw’Ijambo ry’Imana zituma numva ko mfise amahoro. Icizigiro co kuzosubira kubona dawe biciye kw’izuka Ijambo ry’Imana risezerana, gituma numva umunezero mwinshi kikongera kikampoza.Yohani 5:28, 29.

Ubu ndamaze imyaka itandatu mbanye neza n’umunega wanje Jonathan atinya Imana. Twempi twarabonye ko ukuri kwerekeye Imana kwumvikana kandi ko kworoshe gutahura, kukaba n’ubutunzi bw’agaciro. Ivyo bituma duhimbarwa no kubwira abandi ivyo twizera be n’icizigiro ciza cane dufise. Ubu ndatahura yuko Ivyabona vya Yehova atari abakirisu bameze ukuntu ariko ko ari abakirisu b’ukuri.

^ par. 15 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ubu ntikigicapurwa.