Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twoba dukwiye gusenga Yezu?

Twoba dukwiye gusenga Yezu?

UMUSHAKASHATSI umwe aheruka kubaza urwaruka rurenga 800 ruva mu madini menshi nimba Yezu yoba yishura amasengesho. Ibice birenga 60 kw’ijana bavuze ko bemera rwose yuko Yezu yishura amasengesho. Ariko umwe muri bo, izina Yezu yarariciyemwo umurongo ku rupapuro bagiriyeko iryo tohoza, aca yandika “Imana.”

Uvyibazako iki? Twoba dukwiye gusenga Yezu canke Imana? * Kugira ngo turonke inyishu, reka tubanze twihweze ukuntu Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga.

YEZU YATWIGISHIJE GUSENGA NDE?

Yezu yaratwigishije yongera aratwereka uwo dukwiye gusenga.

Kuba Yezu yarasenga Se wiwe wo mw’ijuru, vyatanze akarorero twese twokurikiza

IVYO YIGISHIJE: Igihe kimwe, umwe mu bigishwa ba Yezu yamubwiye ati: “Mukama, twigishe gusenga.” Yezu yamwishuye ati: “Igihe cose musenga, muvuge muti: ‘Data.’” (Luka 11:1, 2) Vyongeye, muri ya Nsiguro rurangiranwa yashikiriza ku Musozi, Yezu yaremesheje abariko baramwumviriza gusenga. Yababwiye ati: “Usenge So.” Yarabakuye amazinda mu kuvuga ati: “Imana So [irazi] ivyo mukenera n’imbere y’uko mubiyisaba.” (Matayo 6:6, 8) Buca apfa, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje.” (Yohani 16:23) Yezu rero yatwigishije gusenga Se Yehova Imana, akaba na Data wa twese.Yohani 20:17.

AKARORERO YATANZE: Nk’uko Yezu yigishije abandi gusenga, na we ubwiwe yasenze ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi.” (Luka 10:21) Ikindi gihe, “Yezu [yarararamuriye] amaso mw’ijuru, avuga ati: ‘Data, ndagukengurukiye ko unyumvise.’” (Yohani 11:41) Ari ku mpfiro na ho, yasenze ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje.” (Luka 23:46) Mu gusenga Se wiwe wo mw’ijuru, “Umukama w’ijuru n’isi,” Yezu yari atanze akarorero twese twokurikiza. (Matayo 11:25; 26:41, 42; 1 Yohani 2:6) None abigishwa ba Yezu bo mu ntango boba baratahuye ivyo yabigishije ku bijanye n’uwo bakwiye gusenga?

ABAKIRISU BO MU NTANGO BASENGA NDE?

Haciye amayinga makeyi Yezu asubiye mw’ijuru, abigishwa biwe baraburabujwe bongera baragirwako iterabwoba n’ababarwanya. (Ivyakozwe 4:18) Barasenze barondera gufashwa. Ariko none basenze nde? Bibiliya ivuga iti: “Bashira amajwi yabo hejuru babwira Imana bahuje inama.” Basenze bayisaba ko yobandanya kubafasha “biciye mw’izina ry’umusavyi wa[yo] mweranda Yezu.” (Ivyakozwe 4:24, 30) Abigishwa rero barakurikije ivyo Yezu yabigishije ku bijanye n’isengesho. Basenze Imana ntibasenga Yezu.

Haciye imyaka, intumwa Paulo yarerekanye ukuntu we hamwe na bagenziwe basenga. Igihe yandikira abakirisu bagenziwe, yavuze ati: “Twama dukengurukira Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu iyo tubasengeye.” (Abakolosayi 1:3) Yandikiye kandi abakirisu bagenziwe ati: “Mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu [mwame] mukenguruka ku bw’ibintu vyose, mubikengurukira Imana yacu ikaba na Data.” (Abanyefeso 5:20) Ayo majambo yerekana ko Paulo yaremesheje abandi gusenga ‘Imana yiwe ikaba na Data ku bw’ibintu vyose,’ ariko bakayisenga mw’izina rya Yezu.Abakolosayi 3:17.

Nk’ukwo kw’abo bakirisu bo mu ntango, turashobora kwerekana ko dukunda Yezu mu gukurikiza ivyo yigishije ku bijanye n’isengesho. (Yohani 14:15) Dusenze Data wa twese wo mw’ijuru wenyene, tuzorushiriza kwiyumva nk’umwanditsi wa zaburi yanditse ati: “Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva ijwi ryanje . . . Mu misi yanje yose, nzohamagara.”Zaburi 116:1, 2. *

^ par. 3 Twisunze ivyo Bibiliya ivuga, Imana na Yezu ntibangana. Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 4 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ par. 11 Kugira ngo Imana yemere amasengesho tuyitura, dutegerezwa kwihata bimwe bivuye ku mutima tukabaho dukurikiza ivyo idusaba. Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 17 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?