Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ndakomeza ukwizera kwanje

Ndakomeza ukwizera kwanje

Voma:

  1. 1. Ndibaza nimba noba ndi mu kuri, ko ntayovye.

    Nguma nibaz’ibibazo, bintesh’umutwe

    Simbon’inyishu.

    Ariko ndafat’umwanya wo kwiyigisha.

    Igihe hari ibinzazanira,

    Rab’ivyo nkora:

    (ICITABIRIZO)

    Ndikomeza mu kwizera.

    Nkasaba Yehov’amfashe

    Ngo singume nkekeranya.

    Aranyishura, akamp’ivyo nkeneye

    Bizomfasha

    Gukomeza

    Ukwizera

  2. 2. Shetani ashaka ntitubone neza ikibereye.

    Ariko sinipfuza ko niyizigira,

    Ngume nirwanako.

    Ni co gituma nirind’inzir’izimiza

    Mu kwisung’Ijambo rya Yehova.

    Ntiyiger’abesha.

    (ICITABIRIZO)

    Ndikomeza mu kwizera.

    Nkasaba Yehov’amfashe

    Ngo singume nkekeranya.

    Aranyishura, akamp’ivyo nkeneye

    Bizomfasha

    Gukomeza

    Ukwizera

    (IKIRARO)

    Igihe nzirikanye ku canditswe,

    Ku ndirimbo cank’ikiyago,

    Yehov’ab’anyishuy’akankomeza

    Mu kwizera.

    (ICITABIRIZO)

    Ndikomeza mu kwizera.

    Nkasaba Yehov’amfashe

    Ngo singume nkekeranya.

    Yam’anyishura, akamp’ivyo nkeneye

    Ngo nkomeze

    Ukwizera.

    Nkomeze(x4)

    Ukwizera.