Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turatangarira ivyo ukora

Turatangarira ivyo ukora

Voma:

  1. 1. Ubwami bwakoze vyinshi kuva na kera,

    Bwandonkeje Bibiliya, n’ibindi nkenera.

    Umushumba waw’aguma andasir’umuco

    Akampa n’abacungezi bafis’urukundo.

    Ku mahwaniro mba nzi yuko nzoremeshwa.

    Nama nca nikugura nti: “Vyari agaheta!”

    Ivyo nigishwa buri ndwi ndabikesha wewe

    Ndiga n’ingene bigisha, nanje nti: “Natanzwe.”

    (ICITABIRIZO)

    Turatangarira

    Ivyo ubwami bwakoze.

    Turanabukunda.

    Turabona yuko uri Iman’ikomeye.

    Turashashay’ivy’Ubwami bugiye kuzana.

  2. 2. Uduter’iteka ryo kuba dukorana,

    Twigishije turerekana yuko dukundana.

    Uduh’ugutahura bikatwez’umutima,

    Bigatuma twiberaho neza mu buzima.

    Indirimbo zinkora ku mutima cane

    Gusenga mu muryango kuduh’impwemu yawe.

    Ubumwe dufise tudasangiy’ururimi,

    Buratugir’umuryango udasanzwe kw’isi.

    (ICITABIRIZO)

    Turatangarira

    Ivyo ubwami bwakoze.

    Turanabukunda.

    Turabona yuko uri Iman’ikomeye.

    Turashashay’ivy’Ubwami bugiye kuzana.