Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Numpe umutima rugabo

Numpe umutima rugabo

(2 Abami 6:16)

Voma:

  1. 1. Numva nzazaniwe,

    Sinz’ibir’imbere.

    Ariko uranyobora,

    Kunta ntushobora.

    Nah’ubu bigoye

    Ni we nizigiye.

    Nzi yuk’udaheb’uwawe,

    Nkumva ntekaniwe.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova, nump’ukwizera,

    Maze ngume mbona

    Ko dushigikiwe na benshi,

    Bimp’inguvu nyinshi.

    Mfasha, ewe Mana,

    Name nihangana.

    Mp’umutima rugabo,

    Wew’urut’ingabo.

  2. 2. Ubwoba buraza

    Ngaca ngutabaza.

    Ur’ubuhungiro bwanje

    N’inkomezi zanje.

    Numfashe nshikame,

    Sindakwihakane.

    N’urupfu ntiruzonkanga,

    Nzumira kw’ibanga.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova, nump’ukwizera,

    Maze ngume mbona

    Ko dushigikiwe na benshi,

    Bimp’inguvu nyinshi.

    Mfasha, ewe Mana,

    Name nihangana.

    Mp’umutima rugabo,

    Wew’urut’ingabo.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova, nump’ukwizera;

    Maze ngume mbona

    Ko dushigikiwe na benshi,

    Bimp’inguvu nyinshi.

    Mfasha, ewe Mana,

    Name nihangana.

    Mp’umutima rugabo,

    Wew’urut’ingabo.