Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova bemera iki?

Ivyabona vya Yehova bemera iki?

Twebwe Ivyabona vya Yehova turihatira kugendera inyigisho za Yezu, zimwe nyene abigishwa biwe bakurikiza. Iki kiganiro kiraca ku masonga ibintu nyamukuru twemera.

  1.   Imana. Dusenga Imana imwe y’ukuri, Mushoboravyose, ikaba na yo Muremyi. Izina ryayo ni Yehova. (Zaburi 83:18; Ivyahishuwe 4:11) Ni Imana ya Aburahamu, Musa na Yezu.​—Kuvayo 3:6; 32:11; Yohani 20:17.

  2.   Bibiliya. Twemera ko Bibiliya ari ubutumwa Imana yarungikiye abantu. (Yohani 17:17; 2 Timoteyo 3:​16) Kandi ivyo twemera bishingiye ku bitabu 66 vyose bigize Bibiliya, ni ukuvuga “Isezerano rya kera” n’“Isezerano rishasha.” Umwigisha muri kaminuza yitwa Jason BeDuhn yaradondoye neza Ivyabona vya Yehova igihe yandika ko bashingira “ivyo bemera be n’ivyo bakora ku gisomwa ca Bibiliya co mu ntango, ivyo bakabigira batabanje gushinga imbere y’igihe ivyo bo ubwabo babona ko ari vyo nya gisomwa cabwirizwa kuba kivuga.” a

     Naho twemera Bibiliya yose, turatahura ko ibice bimwebimwe vyayo ari imvugo ngereranyo, zikaba zidakwiye gutahurwa urudome ku rundi.​—Ivyahishuwe 1:1.

  3.   Yezu. Turakurikiza inyigisho ziwe, tukamwigana tukongera tukamuha icubahiro kuko ari Umukiza wacu akaba n’Umwana w’Imana. (Matayo 20:28; Ivyakozwe 5:​31) Ku bw’ivyo turi abakirisu. (Ivyakozwe 11:26) Ariko rero, twarize muri Bibiliya ko Yezu atari Imana Mushoboravyose kandi ko inyigisho y’Ubutatu idashingiye kuri Bibiliya.​—Yohani 14:28.

  4.   Ubwami bw’Imana. Ni intwaro iri mw’ijuru, ntiburi mu mutima w’umukirisu. Buzosubirira intwaro z’abantu maze burangure umugambi Imana ifitiye isi. (Daniyeli 2:​44; Matayo 6:​9, 10) Ivyo buzobikora ubu vuba, kuko Bibiliya ivuga ko tubayeho mu “misi ya nyuma.”​—2 Timoteyo 3:​1-5; Matayo 24:​3-​14.

     Yezu ni we Mwami w’ubwo Bwami, akaba yatanguye kuganza mu 1914.​—Ivyahishuwe 11:15.

  5.   Ubukiriro. Ukurokorwa tugakurwako icaha n’urupfu tubikesha inkuka y’incungu ya Yezu. (Matayo 20:28; Ivyakozwe 4:​12) Kugira umuntu yungukire kuri iyo ncungu, ntabwirizwa gusa kwizera Yezu, ariko abwirizwa no guhindura ubuzima bwiwe maze akabatizwa. (Matayo 28:19, 20; Yohani 3:​16; Ivyakozwe 3:​19, 20) Ibikorwa vy’umuntu ni vyo vyerekana ko ukwizera kwiwe ari kuzima. (Yakobo 2:​24, 26) Ariko rero, ibikorwa vyonyene si vyo bituma umuntu aronka ubukiriro, ahubwo aburonka biciye ku “buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”​—Abagalatiya 2:​16, 21.

  6.   Ijuru. Yehova Imana, Yezu Kristu be n’abamarayika b’abizigirwa ni bo baba mw’ijuru. b (Zaburi 103:19-​21; Ivyakozwe 7:​55) Umugwi mutoyi w’abantu, abantu 144.000, ni bo bazuzurirwa ubuzima bwo mw’ijuru kugira baje kuganzanya na Yezu mu Bwami.​—Daniyeli 7:​27; 2 Timoteyo 2:​12; Ivyahishuwe 5:​9, 10; 14:​1, 3.

  7.   Isi. Imana yaremye isi kugira abantu bayibeko ibihe bidahera. (Zaburi 104:5; 115:16; Umusiguzi 1:4) Imana izohezagira abantu bagamburuka mu kubaha amagara atagira agahaze be n’ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo.​—Zaburi 37:11, 34.

  8.   Ibibi n’imibabaro. Ivyo vyatanguye igihe umwe mu bamarayika b’Imana yagarariza. (Yohani 8:​44) Uwo mumarayika, uwahavuye yitwa “Shetani,” yarajijuye umugabo n’umugore ba mbere kugira bifatanye na we mu bugarariji, ivyo bikaba vyakwegeye akarambaraye ababakomotseko. (Itanguriro 3:​1-6; Abaroma 5:​12) Kugira ibibazo Shetani yavyuye bitorerwe umuti, Imana yararetse harabaho ibibi n’imibabaro, ariko ntizoreka ngo bibandanye ibihe vyose.

  9.   Urupfu. Iyo umuntu apfuye aba ahagaritse kubaho. (Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:​5, 10) Ntaba ariko arababarizwa mu muriro udahera.

     Imana izozura abantu amamiliyaridi bapfuye. (Ivyakozwe 24:15) Ariko rero, abazokwanka kugendera mu nzira z’Imana bamaze kuzuka, bazoca barandurwa buhere, badafise icizigiro c’izuka.​—Ivyahishuwe 20:14, 15.

  10.   Umuryango. Dukurikiza ukuntu Imana yashinze umubano kuva mu ntango, ko uhuza umugabo umwe n’umugore umwe, kandi ko ubusambanyi ari yo mvo yonyene yotuma haba ukwahukana. (Matayo 19:​4-9) Kandi twemera tudakeka ko impanuro Bibiliya itanga zifasha kugira urugo rurame.​—Abanyefeso 5:22–​6:1.

  11.   Ugusenga kwacu. Ntidusenga umusaraba canke ikigirwamana na kimwe. (Gusubira mu vyagezwe 4:​15-​19; 1 Yohani 5:​21) Ibi ni vyo bintu nyamukuru biranga idini ryacu:

  12.   Ishirahamwe ryacu. Tugabuwe mu mashengero, buri shengero rikaba rihagarikiwe n’inama y’abakurambere. Ariko rero, abo bakurambere ntibagize umugwi w’abakuru b’idini, kandi ntibahembwa. (Matayo 10:8; 23:8) Ntitwigera dusaba ikigiracumi, kandi nta mperezwa dutoza mu gihe c’amakoraniro yo gusenga. (2 Abakorinto 9:7) Ibikorwa vyacu vyose bishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye.

     Inama Nyobozi, ikaba igizwe n’umugwi mutoyi w’abakirisu bahumuye bakorera ku cicaro gikuru cacu, ni yo iyoboye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose.​—Matayo 24:45.

  13.   Ubumwe bwacu. Turunze ubumwe kw’isi yose mu vyo twemera. (1 Abakorinto 1:​10) Kandi turakora uko dushoboye kugira twirinde amacakubiri ashingiye ku rukoba, ku bwoko canke ku kindi kintu. (Ivyakozwe 10:34, 35; Yakobo 2:4) Ariko rero, ntitubuza umuntu kugira amahitamwo yiwe. Buri Cabona arifatira ingingo yisunze ivyo yize muri Bibiliya.​—Abaroma 14:​1-4; Abaheburayo 5:​14.

  14.   Inyifato yacu. Turitaho kugaragaza urukundo ruzira ubwikunzi mu vyo dukora vyose. (Yohani 13:34, 35) Turirinda gukora ivyo Imana yanka, aho hakaba harimwo gukoresha nabi amaraso mu kuyaterwa. (Ivyakozwe 15:28, 29; Abagalatiya 5:​19-​21) Turi abanyamahoro kandi ntituja mu ntambara. (Matayo 5:9; Yesaya 2:4) Turubaha intwaro z’aho tubaye kandi turagamburuka amategeko y’igihugu mu gihe atadusaba gukora ibinyuranye n’amategeko y’Imana.​—Matayo 22:21; Ivyakozwe 5:​29.

  15.   Ubucuti tugiranira n’abandi. Yazu yategetse ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” Yaranavuze ko abakirisu atari “ab’isi.” (Matayo 22:39; Yohani 17:16) Ego ni ko turagerageza ‘gukorera iciza bose,’ ariko ntituja muri politike canke ngo twifatanye n’ayandi madini. (Abagalatiya 6:10; 2 Abakorinto 6:14) Ariko rero, turubahiriza ingingo abandi bafata muri ivyo.—Abaroma 14:12.

 Nimba ufise ibindi bibazo ku bijanye n’ivyo Ivyabona vya Yehova bemera, urashobora gusoma n’ibindi bitwerekeye ku muhora wacu wa internet, kurondera amabiro yacu, kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami iri hafi yawe, canke ukavugana n’Icabona aba hafi y’iwanyu.

a Raba igitabu Truth in Translation, ku rupapuro rwa 165.

b Amadayimoni arirukanywe mw’ijuru, ariko abandanya kuba mu karere kataboneka.​—Ivyahishuwe 12:​7-9.