UMUNARA W’INDERETSI Ndamukiza 2015 | Woshima kwiga Bibiliya?

Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bariko barungukira ku nyigisho ya Bibiliya Ivyabona vya Yehova batanga ku buntu. Raba ukuntu iyo nyigisho batanga yokugirira akamaro nawe.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki wokwiga Bibiliya?

Woba wiyumvira ngo ‘Nta mwanya mfise,’ canke ngo ‘Ndanka kwemera ivyo ntazoshitsa’?

Kwiga Bibiliya birashoboka kuri bose

Raba inyishu z’ibibazo umunani abantu bakunze kubaza ku bijanye n’igikorwa dukora co kwigisha Bibiliya.

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Ibibazo bitatu vyarahinduye ubuzima bwanje

Igihe Doris Eldred yemera kwigishwa n’uwo yigisha, yararonse inyishu z’ibibazo yibaza ku bijanye n’ubuzima.

Ikintu c’agaciro catowe mu mwavu

Igihimba c’icandikano kiriko Injili ya Yohani citiriwe Rylands ni co ca kera cane gusumba ibindi vyose bimaze kwuburwa biriko ivyanditswe vyo mw’Isezerano rishasha.

IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Kubera iki dukwiye kwibuka urupfu rwa Yezu?

Abantu benshi barahimbaza ivuka rya Yezu kuri Noweli n’izuka ryiwe kuri Pasika. Kubera iki none Ivyabona vya Yehova bobo bibuka urupfu rwa Yezu?

Wari ubizi?

Umugabisha w’abasoda ijana yari ajejwe iki mu gisoda c’Abaroma? Ivyirore vya kera vyari bitandukaniye he n’ivy’ubu?

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Hoba hazogera igihe abantu bose bakabaho bakundana?

Ibindi usanga kuri internet

Bibiliya yoba irimwo ivyiyumviro vy’Imana?

Benshi mu banditse Bibiliya bavuga ko ivyo banditse vyavuye ku Mana. Kubera iki?