Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Kazoza katubikiye iki?

Ni gute urupfu rwa Yezu rutuma bishoboka ko abantu babaho bitaho bagenzi babo?

Nta gukeka ko abantu bazoguma batera imbere mu vy’ubuhinga. Mugabo none boba bazoshobora gutuma abantu babaho bitaho vy’ukuri bagenzi babo? Eka data. Muri iki gihe, isi yuzuye ubwikunzi n’umwina. Mugabo Imana irafitiye abantu umugambi mwiza cane uruta ivyo abantu boshikako.Soma 2 Petero 3:13.

Ijambo ry’Imana riravuga ibijanye n’igihe kw’isi yose hazoba haba abantu bakundana. Abantu bazoba mu mutekano, kandi nta kizobagirira nabi.Soma Mika 4:3, 4.

Ubwikunzi buzokurwaho gute?

Imana ikirema umuntu, nta bwikunzi na bukeyi yari afise. Mugabo igihe uwo muntu wa mbere yahitamwo kugarariza Imana, yaciye agira akanenge. Ni we yaturaze ubwikunzi. Naho ari ukwo, Imana izokoresha Yezu kugira ngo dusubire kuba abatagira akanenge.Soma Abaroma 7:21, 24, 25.

Yezu yaradupfiriye kugira adukureko ingaruka zatewe n’ukugambarara kwa Adamu, ivyo bikaba ari vyo Imana yagomba. (Abaroma 5:19) Yezu yatumye rero tugira icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho tutagifise agatima k’ubwikunzi gatuma dukora ikibi.Soma Zaburi 37:9-11.