Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Kazoza katubikiye iki?
Nta gukeka ko abantu bazoguma batera imbere mu vy’ubuhinga. Mugabo none boba bazoshobora gutuma abantu babaho bitaho vy’ukuri bagenzi babo? Eka data. Muri iki gihe, isi yuzuye ubwikunzi n’umwina. Mugabo Imana irafitiye abantu umugambi mwiza cane uruta ivyo abantu boshikako.
Ijambo ry’Imana riravuga ibijanye n’igihe kw’isi yose hazoba haba abantu bakundana. Abantu bazoba mu mutekano, kandi nta kizobagirira nabi.
Ubwikunzi buzokurwaho gute?
Imana ikirema umuntu, nta bwikunzi na bukeyi yari afise. Mugabo igihe uwo muntu wa mbere yahitamwo kugarariza Imana, yaciye agira akanenge. Ni we yaturaze ubwikunzi. Naho ari ukwo, Imana izokoresha Yezu kugira ngo dusubire kuba abatagira akanenge.
Yezu yaradupfiriye kugira adukureko ingaruka zatewe n’ukugambarara kwa Adamu, ivyo bikaba ari vyo Imana yagomba. (Abaroma 5:19) Yezu yatumye rero tugira icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho tutagifise agatima k’ubwikunzi gatuma dukora ikibi.