Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikintu c’agaciro catowe mu mwavu

Ikintu c’agaciro catowe mu mwavu

NI IGIKI uca ubona mu bwenge wiyumviriye ikirundo c’umwavu? Nta nkeka ko uca ubona umucafu n’umunuko. Birumvikana ko utokwitega gusangayo ikintu c’agaciro, icibagiwe co ni ugusangayo ibuye ry’agaciro kanini.

Yamara, haraciye ikinjana ikintu nk’ico c’agaciro gitowe ahantu nk’aho. Ico kintu ntiryari ibuye nya buye ry’agaciro, ahubwo cari ikindi kintu c’agaciro kanini. None ni igiki? Kuba caratowe bidufitiye akamaro akahe muri iki gihe?

HUBURWA IKINTU KITARI CITEZWE

Mu mpera z’ikinjana ca 19, abahinga babiri bo kuri kaminuza y’i Oxford ari bo Bernard P. Grenfell na Arthur S. Hunt, baragiye mu Misiri. Mu birundo vy’umwavu basanze hafi y’umubande w’Uruzi Nili, baratoye ibicebice vy’ivyandikano biri ku mpapuro z’urufunzo. Mu nyuma, mu 1920, igihe abo bagabo bariko baragira urutonde rw’ivyo bubuye, Grenfell yaraguze ibindi bimanyu vy’ivyandikano vyari vyarubuwe mu Misiri. Yabiguze ku bw’ububiko bw’ibitabu bw’i Manchester mu Bwongereza bwitiriwe John Rylands. Ariko rero abo bagabo bompi bapfuye urwo rutonde batararuheza.

Uwundi muhinga wo kuri ya kaminuza y’i Oxford yitwa Colin H. Roberts, ni we yasozereye ico gikorwa. Igihe yariko aratondeka ivyo vyandikano, yarabonye akamanyu k’isantimetero 9 kuri 6. Yaratangaye asanze amajambo y’ikigiriki yari kuri ko ari amajambo asanzwe azi. Ku ruhande rumwe rwa nya kamanyu, hariko amajambo dusanga muri Yohani 18:31-33. Ku rundi ruhande na ho hariko ibice vy’umurongo wa 37 n’uwa 38. Emwe, Roberts yarabonye ko yubuye ikintu c’agaciro kanini!

KUMENYA IMYAKA KIMAZE

Roberts yiyumviriye ko ico candikano cari ica kera cane. Mugabo none cari kimaze imyaka ingahe? Kugira ngo amenye imyaka kimaze, yafashe inyandiko yari kuri co ayigereranya n’inyandiko yari ku bindi vyandikano vya kera yamara vyovyo bizwi igihe vyandikiwe. Ubwo buhinga yakoresheje mu gusuzuma inyandiko za kera bwitwa paléographie. * Biciye kuri ubwo buhinga, yarashoboye kugereranya imyaka kimaze. Mugabo kugira ahere amazinda, yarafotoye ico candikano maze amafoto yaco ayarungikira abahinga batatu abasaba ngo bamubwire imyaka coba kimaze. None abo bahinga bashitse ku kihe ciyumviro?

Abo bahinga batatu barihweje ingene indome z’ico gisomwa zanditswe. Bose baremeje yuko ico candikano canditswe nko mu mwaka wa 125 inyuma ya Kristu, haciye imyaka nka mirongo intumwa Yohani apfuye. Ariko ntiwumve, ubwo buhinga bwo kumenya imyaka ivyandikano biba bimaze, nta wobwizigira ijana kw’ijana. Wanashima hari uwundi muhinga avuga ko ico gisomwa coba caranditswe mu kiringo ico ari co cose co mu kinjana ca kabiri. Naho ari ukwo, ico gihimba c’icandikano ni co ca kera cane gusumba ibindi vyose bimaze kwuburwa biriko Ivyanditswe vy’ikigiriki (ibikunze kwitwa Isezerano rishasha).

ICO CANDIKANO GIHISHURA IKI?

Ni kubera iki ico candikano kiriko amajambo yo mu Njili ya Yohani, gifitiye akamaro abakunda Bibiliya muri iki gihe? N’imiburiburi ku bw’imvo zibiri. Ubwa mbere, uburyo cari gitunganijwe buradufasha gutahura ukuntu abakirisu bo mu ntango baha agaciro Ivyanditswe vyeranda.

Ni kubera iki iki candikano kiriko amajambo yo mu Njili ya Yohani gifitiye akamaro abakunda Bibiliya muri iki gihe?

Mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu, ivyandikano vyatunganywa mu buryo bubiri. Hariho imizingo be n’ivyitwa codex vyari bimeze nk’ibitabu. Imizingo yari igizwe n’ibipande vy’impapuro z’urufunzo canke vy’insato, bino bikaba vyarafatanywa bikaba urupapuro rumwe rurerure. Urwo rupapuro umuntu yarashobora kuruzinga canke kuruzingurura. Abandika ku mizingo, kenshi bandika gusa ku ruhande rumwe rw’urupapuro.

Ariko rero, igipande c’icandikano Roberts yubuye cari canditseko ku mpande zompi. Ivyo bisobanura ko coba carakuwe mu candikano kimeze nk’igitabu, kitakuwe mu muzingo. Ivyandikano bimeze nk’igitabu vyari bigizwe n’impapuro zo mu nsato canke zo mu rufunzo, zino zikaba zarafatanywa mu kuzishona bagaca bazizinga zikamera nk’igitabu.

Ivyandikano bimeze nk’igitabu vyasumvya iki imizingo? Abakirisu bo mu ntango baramamaza inkuru nziza. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Barakwiragiza ubutumwa bwo muri Bibiliya ahantu hose basanga abantu, haba mu mihana yabo, mu tuguriro no mu mabarabara. (Ivyakozwe 5:42; 17:17; 20:20) Ku bw’ivyo, baronse Ivyanditswe vyeranda biri ku mpapuro ngufingufi ziri hamwe, vyaraborohereza cane.

Ivyandikano bimeze nk’ibitabu vyarorohereza kandi amashengero be n’abantu baba bipfuza kugira amakopi yabo bwite y’Ivyanditswe vyeranda. Ni co gituma Injili zagiye zirimurwa, ivyo bikaba vyaratumye ubukirisu bukwiragira ningoga.

Icandikano co mu bubiko bwitiriwe Rylands, uruhande rw’imbere n’urw’inyuma

Imvo igira kabiri ituma ca candikano co mu bubiko bwitiriwe Rylands kiba ngirakamaro muri iki gihe, ni uko kidufasha kubona ko naho igisomwa ca Bibiliya co kuva mu ntango cagiye kirahanahanwa dushobora kucizigira. Naho kiriko gusa imirongo mikeyi yo mu Njili ya Yohani, ibirimwo nka vyose birahuza n’ivyo dusanga muri Bibiliya dufise muri iki gihe. Ivyo vyerekana rero ko Bibiliya ata bindi yongewemwo naho yagiye irimurwa incuro n’izindi.

Yamara, ico candikano kiriko Injili ya Yohani ni kimwe gusa mu bindi vyandikano ibihumbi n’ibihumbi vyemeza ko igisomwa ca Bibiliya co mu ntango cagiye kirahanahanwa mu buryo butarimwo amakosa. Mu gitabu (La Bible arrachée aux sables) Werner Keller yanditse, yavuze ati: “Ivyo [vyandikano] vya kera biradukura amazinda vy’ukuri yuko igisomwa dufise muri Bibiliya muri iki gihe ari ic’ukuri n’ico kwizigirwa.”

Mu vy’ukuri, abakirisu ntibashingira ukwizera kwabo ku bintu vyubuwe. Basanzwe bemera ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Naho ari ukwo, ese ukuntu bihumuriza igihe ibintu vya kera vy’agaciro kanini bije bishigikira ivyo Bibiliya yari yaravuze kuva kera iti: “Ijambo rya Yehova ryamaho ibihe vyose”!1 Petero 1:25.

^ ing. 8 Uburyo bwo kwandika bwagiye burahinduka. Ayo mahinduka arafasha kumenya imyaka icandikano kinaka kimaze, bakigereranije n’ibindi vyandikano abahinga bazi neza igihe vyandikiwe.