Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOSHIMA KWIGA BIBILIYA

Kubera iki wokwiga Bibiliya?

Kubera iki wokwiga Bibiliya?
  • Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

  • Kubera iki abantu bashikirwa n’imibabaro kandi bagapfa?

  • Kazoza katubikiye iki?

  • Imana yoba imbabaye?

Woba umaze kwibaza ibibazo nk’ivyo? Nimba umaze kuvyibaza, uri mu bandi. Abantu bo hirya no hino kw’isi baribaza ibibazo bihambaye bijanye n’ubuzima. Woba ushobora kuronka inyishu zavyo?

Abantu amamiliyoni bokwishura bati: “Egome.” Kubera iki? Kubera ko baronse muri Bibiliya inyishu zijijura z’ibibazo bibaza. Woshima nawe kumenya ivyo Bibiliya ivuga? Tukuremesheje rero kwungukira ku karyo Ivyabona vya Yehova baha abantu ko kwiga Bibiliya ku buntu. *

Abantu bamwebamwe iyo ubabwiye ivyo kwiga Bibiliya, bavuga ngo: “Nta mwanya mfise.” Abandi ngo “Bibiliya iragoye.” Abandi na bo ngo “Ndanka kwemera ivyo ntazoshitsa.” Ariko rero, hari abandi bavyakira neza. Barakiriza yompi ako karyo ko kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Raba ivyo bamwe muri bo bavuze:

  • “Naraciye muri Gatolika, mu baporoti, ndaja mu rusengero rw’abasiki, mu kigo c’abihebeye Imana c’ababuda, ndiga n’ivy’Imana kuri kaminuza. Ariko sinaronse inyishu z’ibibazo vyinshi nibaza bijanye n’Imana. Umusi umwe Icabona ca Yehova yarangendeye. Naratangajwe cane n’inyishu yampaye zishingiye kuri Bibiliya, nca ndemera kwiga Bibiliya.”—Gill wo mu Bwongereza.

  • “Naribaza ibibazo vyinshi vyerekeye ubuzima, mugabo inyishu pasitori wacu yampa ntizanyura. Ariko Icabona ca Yehova umwe yaravyishuye akoresheje Bibiliya gusa. Igihe yambaza nimba noshima kumenya n’ibindi, vyarampimbaye cane.”—Koffi wo muri Bénin.

  • “Naripfuza kumenya ingene abapfuye bamerewe. Nari nzi yuko abapfuye bashobora kugirira nabi abakiriho, ariko nashaka kumenya ico Bibiliya ibivugako. Naciye rero ntangura kwiga Bibiliya n’umugenzi w’Icabona ca Yehova.”—José wo muri Brezile.

  • “Naragerageje gusoma Bibiliya ariko sinayitahura. Ivyabona vya Yehova bahavuye bangendera, baransigurira neza ibintu bitari bike Bibiliya yari yaravuze vyarangutse. Naciye nipfuza kumenya n’ibindi.”—Dennize wo muri Megizike.

  • “Naribaza nimba Imana imbabaye vy’ukuri. Naciye mfata ingingo yo gusenga Imana ivugwa muri Bibiliya. Bukeye, Ivyabona vya Yehova barangendeye, nca ndemera kwiga Bibiliya.”—Anju wo muri Népal.

Ivyo abo bantu bavuze biratwibutsa amajambo ya Yezu agira ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Abantu bavukana inyota y’ivy’impwemu, ni ukuvuga icipfuzo co kumenya Imana. Imana ni yo yonyene yobafasha gushitsa ico cipfuzo, ikaba ibigira biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya.

Uti none Ivyabona vya Yehova bigisha gute Bibiliya? Wovyungukirako gute? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.

^ ing. 8 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.